IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyuma yaho isoko nkuru ya Bujumbura ihiye abunguruza abantu mu miduga ngo (...)

Inyuma yaho isoko nkuru ya Bujumbura ihiye abunguruza abantu mu miduga ngo uruhombo ni rwinshi

mardi 29 Nzero 2013

Isoko nkuru yo mu gisagara ca Bujumbura yari isanzwe ihuriramwo abantu benshi bavuye hirya no hino mu gihugu ndetse no hanze y’igihugu. Kubera rero igituro c’imiduga cahora hafi y’iyo soko, kandi ikaba itarahera kwaka, abajejwe umutekano ntibaraha abashoferi bunguruza abantu mu mabisi uburenganzira bwo kwururukiriza abantu muri ico gituro.

JPEG - 85.4 ko

Kubera ivyo rero ku bunguruza abantu mu miduga ngo uruhombo ni runini kuko ngo ubu bibagora kuronka abiyunguruza , kuko ngo wahora usanga abantu benshi bafata imodoka baba bagiye mu gisagara hagati kudandaza canke gusuma ibintu mw’isoko. Ico kibazo rero catumye ata biyunguruza benshi baboneka kuko mw’isoko ata muntu uhashika yaba umudandaza canke uwusuma kubera ko ibidandazwa vyose vyarahiye biratokombera.

JPEG - 68.9 ko

Ikindi abashoferi bavuze ko abantu basigaye banka gutegera imiduga bagahitamwo kugenda n’amaguru.

Tubajije abiyunguruza bavuze ko n’ubundi ata kamaro ko gutegera imiduga kuko bibasaba urugendo runini kuva aho baba bari gushika aho bategerera imiduga rero ko bapfuma bahitamwo kugenda n’amaguru.

Ivyo rero ngo biva kubera ko imodoka zunguruza abantu zihagarara ari kure ugereranije n’aho zari zisanzwe zihagarara. Imodoka ziva hirya no hino mu ntara nazo ngo abiyunguruza baragabanutse kubera ko benshi bafata imiduga baje mu gisagara i Bujumbura, bamwe baje kugurisha canke gusuma mw’isoko nkuru ya Bujumbura .

Abunguruza abantu rero bavuga ko ingaruka zo gusha kw’isoko nkuru ya Bujumbura zabashitseko.


Cynthia Ntakirutimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.