Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Inzego nkuru z’igihugu zirapanze, inyubakwa za CNDD FDD nazo ari amagorofa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Inzego nkuru z’igihugu zirapanze, inyubakwa za CNDD FDD nazo ari amagorofa (...)

"Inzego nkuru z’igihugu zirapanze, inyubakwa za CNDD FDD nazo ari amagorofa yakaka"

lundi 13 Nzero 2014

Ku bona zimwe mu nzego nkuru z’igihugu zikorera mu mazu zipanze gushika naho umukuru w’igihugu aba mu nzu apanze, agakorera mu nzu apanze kandi mu ntara zitandukanye z’igihugu amagorofa ayagayaga y’umugambwe CNDD FDD ari aha na hariya, n’ibisiga ubwenge nk’uko vyashikirijwe na Leonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC Ikibiri, igihe yariko yipfurizanya umwaka mwiza n’abanywanyi babo ndetse harimwo na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Umushingamateka Leonce Ngendakumana avuga ko ubutunzi bw’igihugu bugeze ahanyerera, gushika naho abatware bariye baribagira gusigaza imbuto. avuga kandi ko ubusuma bwabaye ndanse, gushika naho umunyamahanga agendeye Uburundi atangazwa n’amazu meza meza y’amagorofa yakaka, mu gihe abarundi bakenye cane, ubukene n’inzara vyokora inzara bugata ibice birenga 70 kw’ijana.

Umukuru w’urwo runani akaba yabariye abari aho, ko baravye umushahara w’abarundi, atawoshobora kwubaka inzu y’imiriyoni ijana (100.000.000 F) eka mbere akaba ata n’uwoshobora kuronka ideni mu gihe atangwati afise. Avuga ko ayo mahera yose atahandi ava atari mu mitsi y’abanyagihugu, mu gihe ndetse hari bamwe mu bantu basigaye bavugwa ko boba basigaye bavyukira kwanikira amafaranga, kuko atabanki yoyakira, nabo bagatinya ko babazwa iyo bakuye ubwo butunzi burenze.

Ukwo kunyonyeza amatungo ya Reta, bikaba biri mu bituma abarwizatunga bose bari mu guta bakomoka nk’uko Ngendakumana abandanya abivuga. Bamwe baja baragiye mu bindi bihugu, abarwizatunga batoya nabo, amakori y’umurengera akaba ariyo abarembeje, mu gihe n’ibibanza nk’amasoko bahora badandarizamwo vyirirwa birasha izuba ryaka, ababuriye ivyabo muri ayo masoko, bagakubitwa abandi utwabo tugashwiragizwa n’abaporisi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mbega iyo heineken mbona imbere ya leonce uwomubaza ingene yayironse yobivuga?nareke gutesha umutwe abantu turazi ivyiwe.iyaba ari nuwundi abivuze .

  • ivyo uvuga nivyo mutama, aba dd bubaka amazu babamwo n’ingoro z’umugambwe wabo, ariko aho bakorera harasivye, bakama bapanze...twikoreye urusyo

  • Ivy’iyo ntwaro vyabaye vyinshi, iyo bikaba vyiza igihugu c’Uburundi kiba kigeze kure, mugabo kigeze ahatemba. Jewe ndatanganzwa n’abantu kandi ubona umenga barize babwirwa ibintu vyinkora mutima nkivyo Mr Léonce yashikirije mugabo ukamenga ntaco bibabwiye ahubwo bakishura ibitajanye kandi ari igihugu cose kiriko kirapfa. Ndabira nkuwo yiyise PEACE ibintu yanditse. Ngo Heineken?Mbe ninde arekuriwe kuyinywa canke kibujijwe?Bariko bababwira ubusuma bwagahomera bunwa bukorwa na CNDD FDD hamwe naba Généraux bayiturukamwo nawe ukavuga ivyako ga Heineken kamwe?Urasoma IWACU iheruka gusohoka bakubwire amagorofa ariko arubakwa mu ntara ya Ngozi mu vyerwa ahari ihinguriro ryibinyobwa "SOMA BURUNDI" nikibuga c’inkino "LE MESSAGER" vyegukiye umukuru w’igihugu. Mbe ko tuzi umushahara wiwe ivyo bintu yubaka, amafaranga ava he?hanyuma ngo Heineken vraiment. Nimurye mumenye ko muriko murya umuhero...uwariye uwiwe yinshe n’intuntu. Abanyagihugu bari mubukene butagira izina, Adolphe NSHIMIRIMANA anywa Champagne 4 mundwi, afise amagorofa adaharurwa, aba Ministre baba DD bose bariko badugiriza rimwe ama etage nkatatu, Igihe baje k’ubutegetsi ntanijipe bari bafise. Batwaye imyaka 9, bisigura amezi 108. fata ko uwuhebwa menshi afata imiliyoni 2. Nukuvuga ko yoba yaregeranije 216.000.000 y’amarundi atakintu nakimwe aragura. Uravye ukuntu babayeho (barya nkamasiha mukigega) fata ko bariye bakongera bakabaho kuri 100.000.000 muruyo mwanya wose. Mbwira rero ukuntu ayo matungo yose bafise aho yoba yavuye naho tuzi ko atawushika imiliyoni 2 zumushahara. Peter agishika kubutegetsi yabwiye abantu ngo :"Abategetsi bahahora bagenda hanze bagashikira mumazu canke ama hotel azimvye cane kandi igihugu atabushobozi gifise, abarondera ayo ma hotel nabo bakora nkaba commissionnaires kandi ayo basigaje bashira kuwinyuma. Ingendo nazo bagira zari izumurengera." Mr le Président, twagire tubabwire ko ibintu bibaye muri ibi biringo bibiri murongoye igihugu bitigeze biba kuva uburundi bwitwa uburundi. Uteranije amafaranga yoba yaranyonyejwe n’ubutegetsi bwose kuva kuri Repubulika ya mbere gushika Domisiyano agushikirije igihugu, ayasesaguwe, ayibwe kuri iyi ntwaro ya DD angina ayo yabandi kurwiza n’igitigiri ca 100 kirenga. Nakamaramaza, nagahomerabunwa, biteye imbazi n’ikigongwe.IMANA yo mw’ijuru ikingire uburundi.

  • Aba DD bavyukira ku kivi,mubikogwa mu gihugu hose,barafise utundi tu busness bakora ,mais abo bandi bavyukira kw iradio(RPA ,bonesha,rénaiss. etc)7sur7 none
    kuki bagira ishari ,vana amaboko mu mpuzu mukore,canke ayo ma radio abahe imishahara.ndavuga simvura!!

  • Aba DD nabarundi nkabandi mubazi gushirakumurongo ibintu DD ninka UPRONA,FNL, idini Catholic, Anglican,Petecost nabandi, iyomirwiyose igizwe nabarundi,abobarundi barimurivyomvuze nibobisopamwo ivyubaka inyubakwazigihugu, kandi abobantu bomuriyomirwiyose barongera bakishakamwo ivyobakoresha udukorwa twagashirahamwe kabo, aba DD rero barikoze mumufuko biyubakira ingoro zumugambwe wabo nkuko naba Catholic bikora kumifuka bakubaka amasengeroyabo nabandi nukwo, none Leonce Ngendakumana asigayekuvugango Catholic ifise inyubakwa muma Commune yose agize igihugu ngo mugihe umukuru wigihugu asembereye!!! Najewe ndikondandika ngahambamunzu iteyubwoba nonenakozenabo kwiyubakirinzuyokubamwo nziza ngonuko umukuru wigihugu ahaba arugukotesha? Leonce rekakureba amazu yaba DD ahubwovugati barunditwese duhaguruke twubake ikirimba cumukuru w’igihugu. Ahendiho abantubazokwita umunyamuzuno.

  • M rsTwikebuke na Eric ndashigikiye ivyiyumviro vyanyu hamwe n’abandi biyumvira nkamwe ariko ndabarahiye muri buno Burundi bwacu ni bake bakunda u Burundi mubamaze kubutwara nabipfuza kubatwara muri kazoza!!Umwe gusa nkurira inkofero ni Nyakubahwa(Ndadaye)na Yohani Baptiste Bagaza kuko uko yakoze ntanumwe atabibona naho aka ’’U’’ na ’’I’’ yakihenzeko n’aya masengero yugara.Abo bose bavuga abandi bagafata inkoho ngo bagomba kugarukira u Burundi naho babusubije inyuma imyaka cumi ba Micombero n’abandi ntavuze barondera gutwara kugira banyage igihugu gusa!!Ngira muribuka Philippe nzobonariba abo ba Leonce, rwasa Mukasi,Manwangari n’abanbi ntawe mbona ashaka gutezi imbere igihugu atari kukinyaga abana b’u BURUNDI batubitse umukanda mu nda.Barundi benewacu kanura mu menye ko ayo majambo yabo ari uruhendo nk’umusore aresha inkumi akamubwira ko amukunda naho atumbereye igitsina ciwe yaheza gumuta mu ngorane akamwihakana. bazobabwira ko batowe n’indege bayigabira abo bashatse.ico nobasaba menya gushimira uwakoze neza mutaravye ubwoko bwiwe kuko iterambere ntirigira ubwoko ;ejo mubababwize ukuri muti twarabahinyuye nibaza bavuga ko baserukira ubwoko bwanyu!uwakoze neza nawe naho atazitoza murapfuma mumwitirira ibarabara muribuze mumwitirire igiti(nkakirya c’igitega kiri hagati mu gihugu mumwite ko yabaye hagati yanyu).PATRITISME NTIRATWINYIRA TUYIGISHANYE NIHO TUZOTEZIMBERE U BURUNDI BWACU, ariko aha iwacu hari bake bakunda igihugu kuko abaciguze murabazi hasigaye kumenya gutandukanya icatsi n’ururo ducagure murabo bagisigaye naho bari kurushi.Murakoze.

  • Leonce ,uvuze neza cane!ca uhera aho habananiye mu migambi yawe 2015 uzotuzanire calendrier itomoye yokuvyubaka no gukosora aho abo batashite tuzoca dusubira tukugeze ariko ntuzoze uri bakame amajwi tuzoyaguhunda ari akarimi gusa naho hoba nabo nukwo batwiba bakora!!!Aho ngeza kuraba ndabaha 7,5/10 kuko bashikiye mubihengere.Ariko ntuze wibagire kubandanya politique yokwubaka umwe wese iyo avuka nogutama mumakoti uje urishikira kukivi uraba aho ibikorwa bigeze?

  • Muyebe/alias Ce-mercredi (umushikiranganji wo kumenyesha amakuru kuri Yohani Baptista Bagaza) amaze gukurwa, yasigaye agendesha VW akananywera mu bubare babayabaye. Abantu bamubonye, bamubaza igitum’atagura imodoka nziza nk’abandi bahoze ari abashikiranganji. Na we ati "ni kuki mutamburiye nkiri ministre". Leonce murundi, ivyo avuga ni vyo kandi ni jewe ndamutegera kuko bishoboka ko afis’agashavu. Igihe yari umukuru w’Inama Nsingamateka, yaratinya gukorakora kuko yatinya gufungwa canke kwicwa n’abatutsi kuko ari umuhutu. Mwibuke ko SAHWANYA-FRODEBU yatwaye igihugu ata gisirikar’ifise.
    Gikuru mbona mu vyo yavuze, ni uko CNDD-FDD yopfuma ikoresha ayo mazu/ magorofa yubatse. Gurtyo amahera azogume mu kigega ca Leta n’induru zigabanuke. Benshi turazi ko ayo mazu akoteshejwe menshi ari ayubatwe n’abahoze ari abategetsi n’IMPORONA. Kukubera CNDD-FDD na UPRONA bihaye bidacana uwaka, ikigega ca Leta kigiye kuronka agahengwe n’abanyagihugu bave mu nzara. Ndabisubiye mwo; "nta kuba zibiri zisangira igicu"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.