IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inzu y’amasengesho yo mu mwiherero igiye kwubakwa kuri paruwasi Guido Maria (...)

Inzu y’amasengesho yo mu mwiherero igiye kwubakwa kuri paruwasi Guido Maria Conforti

mercredi 11 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Paruwasi Guido Maria Conforti yo mu Kamenge aho benshi bita "Kwa Buyengero", itegekanya gusubiramwo inzu yagandaguriwemwo ababikira batatu b’abatariyanokazi, igahinduka ikibanza c’ugusenga mu mwiherero n’agacerere, ikibanza coba mbere icibutso c’ubutwari abo babikira berekanye mu myaka bari bamaze bakorera Imana.

Amakuru dukura ku rubuga ngurukanabumenyi rw’umuryango w’aba Xavériens amenyesha ko abo bihebeye Imana bafise umugambi w’uguhindura inzu yagandaguriwemwo ababikira batatu Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75, igahinduka ikibanza c’amasengesho yo mu mwiherero. Nk’uko Associazione Missionari Saveriani Onlus ibimenyesha, iyo nzu y’amasengesho yoba icibutso c’ubutwari bw’ababikira batatu b’abatariyanokazi bagandaguwe kw’igenekerezo rya 7 na 8 Nyakanga 2014, ariko ico kibanza kikaba coba kandi icibutso c’abandi bihebeye Imana bamaze gusiga ubuzima bwabo mu Burundi, aho bakavuga abasenyeri, abasaseredoti hamwe n’abandi bihebeye Imana bapfiriye mu bikorwa vy’urukundo, bakibutsa Patiri Maule Ottorino na Patiri Archiol Aldo, n’uwihebeye Imana Katina Gubert, bose bagandaguwe barashwe amasasu mu mutwe kw’igenekerezo rya 30 Nyakanga 1995, mu gitero c’abitwaje ibirwanisho cabereye i Buyengero, muri diyoseze ya Bururi.

Patiri Mario Pulcini arongoye Paruwasi Kamenge amenyesha ko bibabaje kubona inzu abo basaseredoti bagandagurimwo icugaye, abayibonye ikabatera umubabaro n’agahinda, ari naco gituma ahagandaguriwe ababikira Olga Raschietti, Bernadette Boggia na Lucia Pulici hakwiye kwubakwa inzu y’amasengesho yo mu mwiherero n’agacerere.

JPEG - 74.2 ko
Paruwasi Guido Maria Conforti yo mu Kamenge aho benshi bita "Kwa Buyengero"

Mukamenya ko hakenewe amafaranga agera ku bihumbi mirongo ibiri n’indwi vy’amafaranga y’amanyaburaya (27.000 Euro), hafi imiriyoni mirongo itanu z’amarundi, kugira ico kibanza gisubirwemwo, ibikenewe vyose bikorwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • ico ciyumviro niciza caane haba aho abantu basengera ,tukigaya,tugashima,tugasaba.tugasabira nabandi .

    YEZU NIMUZIMA .

  • YOO NI VYIZA TWIZERE KO ABAKRISTU NKA ADOPLHE NSHIMI, NDAKUGARIKA, PETER , KAZUNGU ,BUNYONI, AYUBU,MWARABU, KA EDOUARD NA BANDI BA RUHEBWA BAJA BARONKA AHO BARUHUKIRA KUKO BARARUSHE NGIRA AMASENGESHO YA DENISE ARIMWO IBIROHE KUKO NTAFATA PETER ..MWEBWE MURUSHE KARIBU BASHA ADO,PETER ,NDAKUGA,KAZU,EDOUA,BUNYO MUZE BASHA MURUHUKE...MBESE MWESE ABA DD INKORABARA INGO BASHA YEZU ARARUHURA ,ATANGA AMAHORO UMUNTU AGASINZIRA ATARINZE GUFATA DROGUES Z AGATIRO BASA...NABAGOME NKAMWE ARABARUHURA....!!!!

  • YOO NI VYIZA TWIZERE KO ABAKRISTU NKA ADOPLHE NSHIMI, NDAKUGARIKA, PETER , KAZUNGU ,BUNYONI, AYUBU,MWARABU, KA EDOUARD NA BANDI BA RUHEBWA BAJA BARONKA AHO BARUHUKIRA KUKO BARARUSHE NGIRA AMASENGESHO YA DENISE ARIMWO IBIROHE KUKO NTAFATA PETER ..MWEBWE MURUSHE KARIBU BASHA ADO,PETER ,NDAKUGA,KAZU,EDOUA,BUNYO MUZE BASHA MURUHUKE...MBESE MWESE ABA DD INKORABARA INGO BASHA YEZU ARARUHURA ,ATANGA AMAHORO UMUNTU AGASINZIRA ATARINZE GUFATA DROGUES Z AGATIRO BASA...NABAGOME NKAMWE ARABARUHURA....!!!!

  • Ico ciyumviro ni ciza cane kuko abarushe ku mutima ni benshi muri kino gihugu nta nkeka kandi nobasaba ko bohurumbira ico kibanza ni camara gutegurwa. Mbere hari n’aboshobora ku barica impongano 27000euro ntiyari meshi cane.

  • Ahubwo nico gikorwa catangura bazoce buguruza compte bancaire ababishoboye baterere abandi batware agafuko k’iciment abandi aka benne k’amabuye canke k’umusenyi abandi bahereze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.