IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Ireresi (Film) ya mbere ya Steve Jobs izoja ahabona muri Ndamukiza

Ireresi (Film) ya mbere ya Steve Jobs izoja ahabona muri Ndamukiza

samedi 5 Nzero 2013

Inyuma yaho Steve Jobs umwe mu batanguje Apple apfiriye ahitanwe n’indwara ya cancer mu mwaka wa 2011,ireresi ya mbere ku buzima bwiwe izokwerekanwa kuva mu kwezi kwa 4 I Salles muri Amerika y’uburaruko nkuko vyamenyeshejwe kuri uno wa kane.

Kubwa Open Road Films ikigo cigenga gitangaza amareresi,ishusho ya Steve Jobs izokwerekanwa ubwa mbere mu mpera z’ukwezi kwa mbere igihe hazoba hariko herekanwa ireresi yigenga yitwa Sundance yanditswe na Matt Whiteley ikaba ivuga imyaka 30 y’ubuzima bwa Steve Jobs kuva mu mwaka wa 1971 gushika mu mwaka wa 2000.

Iyo reresi rero ikaba izotangwa n’ikigo Open road muri Amerika y’uburaruko.
Kubwo umuyobozi wa Open Road Tom Ortenberg,ngo Jobs azoba yagarutse,kandi akaba anezerejwe no kubona ikigo arongoye caratowe kuba mu bindi bigo bizokwiragiza iyo reresi muri Salles.

Ikindi kigo Sony Pictures kikaba gifasha iyindi reresi ivuga ku buzima bwa Steve Jobs,iyo nayo yanditswe na Walter Isaacson,uwamenyekanye cane mu budandarizo bw’ibitabo muri reta zunze ubumwe za Amerika.

Twobamenyesha ko amajambo yanditswe na Aaron Sorkin yaronse agashimwe kitiriwe Oscar igihe yandika «The Social Network» yavuga kw’ivuka rya Facebook.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.