Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isabukuru ry’abaririmvyi mu Cibitoke - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Isabukuru ry’abaririmvyi mu Cibitoke

Isabukuru ry’abaririmvyi mu Cibitoke

lundi 25 Ntwarante 2013

Kuwa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2013 , mu ntara ya Cibitoke, ishirahamwe ry’abaririmvyi b’abarundi bafadikanije n’ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n`imico kama bateguye isabukuru y’umuziki mu ntumbero yo guteza imbere umuziki w’u Burundi.

JPEG - 54.2 ko

Abaririmvyi benshi b’abarundi baratumiwe, abashoboye kwitaba ni nka : R-flow na Chanelle, Mkombozi, Lolilo, Black-G, Silas Damara, Happy Famba, Alain Nova, Annick Kabatesi, Paggio Patrick, Wiliams, Miss Arlene, Elly’s Boy, Ariane Kanyamuneza, Emelence Emmy, Happy Mackiss Manegura, Willy na Mr Juif.
Iyo sabukuru yatunganijwe cane cane mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru wahariwe umukenyezi kw ‘isi yose, wahimbajwe ku rwego rw`igihugu kuwa gatanu igenekerezo rya 22 Ntwarante mu ntara ya KARUSI . Ishirahamwe ry`abaririmvyi b’abarundi bahisemwo kwifatikanya n`intara zine arizo : CIBITOKE, BUJUMBURA MAIRIE ,BUJUMBURA RURAL na BUBANZA mw`isabukuru(FESTIVAL).

JPEG - 56.1 ko

Nk’uko uwuserukira uwo muryango avuga, muri ico giteramwo abaririmvyi b’abigeme bahawe umwanya wa mbere , ukwo kukaba kwabaye kubakundisha umunsi wabo.
Nk’uko Bruno yabishikirije, ivyo bizokorwa ku rwego rw’igihugu cose. Yarangije ashimira abaririmvyi, n’abarorerezi bitavye ako kamo

JPEG - 55.5 ko
JPEG - 56 ko

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.