IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Isaha ikoresha ubuhinga bw’inyabwonko(I’m watch) iri kw’isoko

Isaha ikoresha ubuhinga bw’inyabwonko(I’m watch) iri kw’isoko

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Uko igihe kigenda niko ubuhinga butera bwiyongera.Abantu bari bazi ko ubuhinga busa n’ubwarangiye ariko haje ikindi gikoresho gitangaje,n’ayo ni isaha ikoresha ubuhinga bwose nk’ubwo inyawonko Ordinateur.

Iyo saha yakorewe mu gihugu c’u Butariyano.ikaba ifise ibice vyose bikoreshwa ku nyabwonko.Hejuru yo kuba ikoreshwa muri ubwo buhinga irakoreshwa kandi nka terefone ngendanwa.

Ku bafise iyo saha bashobora guhanahana amakuru babicishije mu buhinga bwa Facebook,ashobora kuronka kandi canke akarungika ubutumwa bugufi SMS akoresheje iyo saha.

I’m watch ntikoreshwa gusa mu gutumatumanako amakuru kuko n’abiryohera barashobora kuyikoresha,kuko umuntu ashobora kuyikoresha mu kubika no kwumviriza indirimbo zishika imiliyoni 6 aho ashakiye hose.

Iyo saha I’m watch igurwa amafaranga 339 y’amadorare.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.