IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isale : Abantu barenga 30 bahitanwe n’isanganya ry’imodoka

Isale : Abantu barenga 30 bahitanwe n’isanganya ry’imodoka

dimanche 10 Ndamukiza 2016, par egide

Imodoka yo mw’ishirahamwe ryunguruza abantu mu Burundi (OTRACO : Office des Transports en Commun) yagize isanganya igeze muri komine Isale, intara ya Bujumbura Rural, hafi y’ishure ritoya rya Benga, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu.

Igitigiri c’imfatakibanza kimenyesha ko abantu bitavye baharurwa mu barenga 30, abandi bataramenyekana igitigiri bakaba bajanwe kuvurizwa mu bitaro bitandukanye.

Iyo modoka yariko yunguruza abantu kuri uwu wa gatandatu hagati y’isaha cumi na zibiri n’isaha imwe y’ijoro, yataye ibarabara, ica igwa mu manga y’imetero nk’amajana atatu, muri zone Benga.

Abajejwe intwaro muri komine Isale bamenyesha ko abahitanwe n’iyo sanganya barenga muri 30 mu biharuro vy’imfatakibanza bimaze kumenyekana, hamwe n’abakomeretse bataramenyekana uko bangana.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.