Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isanganiro Award 2013 yasozerewe n’igiteramo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Isanganiro Award 2013 yasozerewe n’igiteramo

Isanganiro Award 2013 yasozerewe n’igiteramo

samedi 13 Mukakaro 2013

Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu w’igenekerezo rya 12 Mukakaro 2013 ihiganwa Isanganiro Awards ritegurwa na radiyo Isanganiro niho ryarangira.

Iryo higanwa rikaba rihuza abaririmvyi icumi umwe wese n’indirimbo yiwe iba yaratowe muzakunzwe cane mu mwaka, uko indirimbo zakurikiranye mbere n’uwatwaye iryo higanwa bakaba bamenyekanye mu giteramo co kurisozera cabereye kuri musee vivant, mu gisagara ca Bujumbura.

Imbere y’isinzi ry’abantu bari bitavye ivyo birori, umuririmvyi umwe umwe yaraja imbere gushikiriza indirimbo yiwe. Indirimbo yatowe ikaba iya mbere uyu mwaka ni « Urudubi » ya Mkombozi yafashijwe na Yoya, uyu akaba ari nawe yari yatwaye ico kibanza mu mwaka uheze.

Nk’uko umukuru w’insamirizi y’Isanganiro yabimenyesheje aho yashikiriza Mkombozi igikombe c’iri higanwa aho yaronse na Flash modem, telephone n’amakarita atandatu yo gushiramo, ibahasha y’amahera atavuzwe ingene angana, bakaba kandi bagiye kumara ikiringo c’umwaka bamumenyekanisha.

Gishasha muri uyu mwaka n’uko batanze agashimwe k’umuhinyanyuzi w’iyo ndirimbo yabaye iya mbere ariwe Amri Pro. Akaba yahawe imachini ( Lap Top) mu rwego rwo kumwereka ko nawe akazi kiwe mu muziki kitaweko kandi guhemba umuhinyanyuzi w’indirimbo ya mbere akaba ari ubwa mbere bishitse muri iri higanwa rya Isanganiro Awards.

Umukuru w’insamirizi "Isanganiro" yarangije ashimira abanyagihugu bose bagize uruhara mu gutorwa kw’izo ndirimbo, anashima cane abaririmvyi baryitavye.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.