IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isekeza ryo kubomora inzu zubatswe ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika

Isekeza ryo kubomora inzu zubatswe ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika

lundi 20 Nzero 2014

Amazu yose yubatswe bidaciye mu mategeko ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika ku metero ziri munsi y’150 agiye kubomorwa vuba.

Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 19 Nzero 2014, umushikiranganji w’ibidukikije, amazi hamwe no gutunganya ibisagara, Jean claude Nduwayo yamenyesheje ko inzu zose zubatswe bidaciye mu mategeko, n’ukuvuga ku metero ziri munsi y’150 ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika zigiye kubomorwa. Ivyo rero akaba agiye kubikora mu ntumbero yo gutanguza isekeza ryo gukingira inkengera z’ikiyaga ca Tanganyika kuva ku Rusizi gushika i Nyanza-Lac kugira bakingire amazi hamwe n’ibinyabuzima bibayo.

JPEG - 29.5 ko
Jean Claude Nduwayo, umushikiranganji w’ibidukikije, amazi hamwe no gutunganya ibisagara

Tubibutse ko ubwo bushikiranganji nyene buherutse gutanguza isekeza ryo kubomora utuzu tw’ubudandaji (kiosques) twose hamwe n’inzu canke inzitiro vyubatswe mu gisagara ca Bujumbura bidakwirikije amategeko. Iryo sekeza rikaba rizoshika no mu ntara zo hagati mu gihugu nk’uko bivugwa na Jean claude Nduwayo, umushikiranganji w’ibidukikije.


Floxella Karire

Messages

  • Mbe ayo mazu yoba agombwa kubomogwa kubera kwubakwa ku mazi ou, nimba ariko biri ntashingiro bifise, gende Cape Town na Durban murabe aho amazu yubatswe si kukiyaga none aha ho, kiretse ar’ikindi birumvikana, ariko kandi kubomora inzu sinibaza ko yoba inyishu, nibarabe uko gusa zokwubakwa kijambere gusumba.

  • Mbega uburundi bufise ibisagara vyiza kurusha ahandi?Nibaza ko abo bashikiranganji babikora gutyo batavuka imbo ari nayo mpamvu bashaka kutwomora iwacu nibamenye ko ariho twavukiye tukanahakurira.Mbe nk’uyo mumu ministre uwomubomorera utwo yavukiyemwo vyomuhimbara.Nibatubwire ukuri kobaharonkeye uwuhabagurira babanje kutwomora.Mbe ko batoja kubomora izo muri Nord(Ngozi) nuko ata mubo ari mubatwara igihugu?Murabesha ntaho tuzoja

  • Ndbasavye baze daresaalam,campala,hano cape town aho hose narahabaye mbe mumetero 150 uvakunzuzi ntamazu y’abanyagihugu aharangwa?Please guys mumenye kujora ugo muzotamba kuko niho twavukiye turanahakurira.ntituzemera kuhava kuko intwaro zose zahaciye ntizirutwa naDD power!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.