Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishami rya UPRONA ritemewe na Reta ribona nk’inkinamico igihano cafatiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ishami rya UPRONA ritemewe na Reta ribona nk’inkinamico igihano cafatiwe (...)

Ishami rya UPRONA ritemewe na Reta ribona nk’inkinamico igihano cafatiwe Karori Nditije

jeudi 3 Mukakaro 2014

Mu mugambwe UPRONA ishami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavuga ko ingingo yafatiwe umushingamateka Karori Nditije itagira ishingiro, kuko igihano cafashwe n’uwutabifitiye uburenganzira.

Concilie Nibigira, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe na Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yafashe ingingo yo kwirukana mu mugambwe UPRONA umushingamateka Karori NDITIJE avuga ko ariwe aramutswa uwo mugambwe wa Rwagasore. Karori Nditije yagirizwa na Concilie Nibigira ivyaha 16 bigizwe ahanini n’ugusesagura amatunga y’umugambwe (mbere akavuga ko agiye kumwitwarira mu butungane), gucanishamwo imboneza za UPRONA i Muramvya (amwagiriza ko yazibujije gutegura umusi mukuru w’ukwigina imyaka 52 Uburundi bumaze bwikukiye). Karori Nditije yagirizwa kandi gukura abaserukira umugambwe UPRONA mu nzego za Reta, kiretse mu nama nshingamateka kuko ari muriyo.

Ku ruhande rw’ishami rya UPRONA ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, basanga iyo ngingo yafatiwe Karori Nditije umukuru w’iryo shami, itagira ifatiro. Tasiyano SIBOMANA, avugira umugambwe UPRONA urongowe na Karori NDITIJE, amenyesha ko iyo ngingo ari nk’inkinamico. Kubwa Tasiyano SIBOMANA, umuvugizi wa UPRONA ishami ritemewe na Reta, Concilie NIBIGIRA nta burenganzira afise bwo gufata iyo ngingo yo kwirukana mu mugambwe Karori NDITIJE. Nk’uko abandanya abisigura, mu makosa ashobora gutuma umudasigana yirukanwa burundu mu mugambwe, nta na rimwe umushingamateka Karori NDITIJE yakoze.

JPEG - 39.1 ko
Tasiyano SIBOMANA, umuvugizi w’umugambwe UPRONA, ishami ritemewe na Edouard NDUWIMANA

Tubamenyeshe ko mu gihe iyo ngingo yo kwirukana Karori NDITIJE yoshirwa mu ngiro, uwo mukuru w’umugambwe atemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ashobora guca atakaza ikibanza afise mu nama nshingamateka. Iyo ngingo yo kumwirukana mu mugambwe UPRONA yafashwe na Concilie NIBIGIRA ku genekerezo rya 30 Ruheshi 2014, mu gihe bwaca mu Burundi bahimbaza imyaka 52 iheze umuganwa Rudoviko Rwagasore aronkeje intahe y’ukwikukira igihugu c’Uburundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • SIBOMANA TASIYANO NDAGUSAVYE TURIRIMBE: MUTERIGERE RYANYUMA, OYA MAMAWE NIGERE RYANYUMA, IVYO MURABIZI KO ARI IGERE RYANYUMA % :2

  • NIMBA URI LEVIS WOBA WARIZE ??KURI WEWE NTA TEGEKO RERO RIBAHO!!!NAMWE MUZOHEZA UKO NIMBA MUTEMERA AMATEGEKO ..TUZOBA TURABA NAYP TATIEN WE NTIMUNGANA NAHO WOBA URI UMU DD NO KU GISUSU !!!YOOOO NI VUBA NTIMUKANGISHE ABANTU NGO MURI UMUSENYI/...

  • NIMBA URI LEVIS WOBA WARIZE ??KURI WEWE NTA TEGEKO RERO RIBAHO!!!NAMWE MUZOHEZA UKO NIMBA MUTEMERA AMATEGEKO ..TUZOBA TURABA NAYP TATIEN WE NTIMUNGANA NAHO WOBA URI UMU DD NO KU GISUSU !!!YOOOO NI VUBA NTIMUKANGISHE ABANTU NGO MURI UMUSENYI/...

  • Ahubwo cndd fdd niyo iriko iratera igere bwanyuma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.