IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe COODLP rirahingura amakara avuye mu micafu

Ishirahamwe COODLP rirahingura amakara avuye mu micafu

vendredi 15 Ruhuhuma 2013

Mugihe amakara asigaye ava mu biti asigaye azimvye kandi akenye,ishirahamwe COODLP ngo risa n’irije gutorera umuti ikibazo c’ugukingira ibidukikije kuko bizotuma abantu bagabanya guca ibiti.

Amakara akorwa n’ishirahamweCOODLP/ Briquette akaba ahingurwa mu micafu itandukanye, harimwo ibitonorwa vy’umuceri n’ibibazurwa vy’ibiti ,imbaho n’ibindi.Iryo shirahamwe rikaba rikorera muri komineNyakabiga iri mu gisagara ca Bujumbura.

Ayo makara mashasha akozwe mu micafu itandukanye adandazwa mu makambi agera kuri 16 yo mugihugu,ubu rero ngo bakaba bashobora gukora amakara angana amatoni 10 ku munsi.

Ariko rero ngo n’aho intambwe bageze ko ishimishije,uwurongoye iryo shirahamwe amenyesha ko bagifise ingorane yo kwegeranya ivyo bakoresha no kubishikana mu kibanza bakoreramwo ,ivyo rero ngo bikabasaba ibikoresho vyinshi n’ubuhinga bukomeye.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.