Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe mpuzamakungu IDA ryahaye imfashanyo u Burundi y’imilioni 25 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ishirahamwe mpuzamakungu IDA ryahaye imfashanyo u Burundi y’imilioni 25 (...)

Ishirahamwe mpuzamakungu IDA ryahaye imfashanyo u Burundi y’imilioni 25 y’amadolari y’abanyamerika

dimanche 16 Kigarama 2012

Integuro y’itegeko rigenga ikoreshwa ry’infashanyo igira gatandatu yatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere yaremejwwe n’inama nshinga mateka .Ayo mafaranga akazokoreshwa muri uyu mwaka w’ 2012 nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabu Abdallah Manirakiza.

Nk’uko vyasiguwe n’umushikiranganji w’ibikogwa vya Reta ,iyo nfashanyo ije gushigikira imigambi ya Reta iriko iraranguka , nko kubungabunga amatungo ya Reta n’ikoreshwa neza ry’amafaranga ya Reta ku mugaragaro , guteza imbere igisata c’abikorera utwabo no gushigikira abanyamitahe.Umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza akaba yamenyesheje ko Reta yateye intambwe muvyerekeye ikoreshwa ry’amafaranga ya Reta ,mu bijanye n’intwaro ibereye ,kugwanya ubukene hamwe no guteza imbere igisata c’abikorera utwabo.

Kubwiwe rero ngo ivyo vyashobotse kubw’infashanyo zagiye ziratangwa n’iryo shirahamwe mpuzamakungu IDA kuva mumwaka w’ 2007 kushika mu 2011.
Imbere yo kwemeza iyo nteguro y’itegeko ry’ikoreshwa ry’iyo nfashashanyo , abashingamateka bari aho barabajije umushikiranganji igituma iyo nteguro bayizanye bateba kandi umwaka ugiye kurangira.Nawe akaba yabishuye ko vyatummwe n’uko hari ivyategerezwa gushikwako kugira iyo nfashanyo iboneke ; bimwe muri ivyo akaba ari izo ntambwe Reta imaze gushikako. Nk’uko Tabu Abdallah yabisiguye ; akaba kandi yagiye abemereye ko integuro y’amafaranga ya Reta itizwe muri uyu mwaka izokwigwa mu mwaka uza w’ 2013.

Abashingamateka bakaba baboneyeho akaryo ko kumenyesha umushikiraqngaji ko yamaze guceregwa gushikana mu nama nshingamateka integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2013. Baranasavye kandi umushikiranganji kwubahiriza ibiringo vyo kwiga amategeko ,kuko integuro y ‘amafaranga azokoreshwa mumwaka wundi yategerezwa kwigwa hasigaye amezi 2 imbere yuko uyu umwaka urangira.

kw’ifoto:Tabou Abdallah Manirakiza, umushikiranganji w’ubutunzi


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.