IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe OIF riratewe impungenge n’ibibera mu Burundi

Ishirahamwe OIF riratewe impungenge n’ibibera mu Burundi

lundi 8 Ruheshi 2015

Umurwi w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa OIF uri mu Burundi.Pascal Couchepin arongoye uwo murwi avuga ko batewe impungenge n’ibibera mu Burundi.

Pascal Couchepin avuga ko yizeye ko naho ibiganiro bihuza abegwa n’ikibazo c’Uburundi vyahagaze,bigiye gusubira gutangura.Yavuze ko ivyo biteye impungenge, ariko yizeye ko amakungu yohimiriza abegwa bose n’ikibazo gutora inyishu nziza ,hubashwe ubwigenge bw’igihugu.

Pascal Couchepin avuga ko atari akaryo ko kuremera abarundi ngo bafate ingingo zishobora gutuma ibintu bitabandanya bimeze neza muri kazoza,ariko kubwiwe,igikenewe n’umwumvikano wotuma abari mu biganiro bumva ko bashikiriza ivyiyumviro bafise ata nkomanzi.

Kubwa Pascal Couchepin,gushika ubu ibiganiro nta kintu kinini birashikako,ari naco gituma asaba ko abarundi boharira bagatorera inyishu vy’umwihariko ikibazo bavuga ko gihambaye c’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Mwomenya ko Pascal Couchepin yabonanye n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,aho yamushikirije ubutumwa butandukanye.

Messages

  • PIRATO NTACO YUMVA ATARI KUGUMYA ABAMUFASHA KWICA NKA ADOLPHE N IBINDI BIMWENYI GUSA.NA JAMBO GISHINGANTAHE YUMVA..AHUBWO NGIRA NTAKIRI UMUNTU

  • On finira parl’ avoir, ici Nkurunziza, attendez un peu !!!

  • Nkuru yishize muyabir mukwumviriza impanuro za Nyamitwe, Adolphe na Bunyoni . Ejo aho bukera bazokwiruka mabusige wenyene. Yagize amahigwe yo kuronka abamuhanura, ko yanse kubumvira ubwo azokwimbe yigera!!!

  • IBIGANIRO BIRAKENEWE, MUGABO NDATANGANZWA CANE NABANTU BATANGA IVYIYUMVIRO UMENGA BARAHAHAMUTSE- NIMUHUMURE URUBANZA TUZORUBACIRA

  • Jewe iyumuzingu ivyavuze ndavyemera kukohariho abantu bavugango barashaka gufasha mugukenura utubazo turi muburundi ahubwo bagajuraho nakariho! Nonenjumuntu abayarahunze uburundi agatanga iciyumviro ngocogufatira ibihano uburundi ngonivyovyokomesha reta yuburundi ibihugu bivugango vyifuza komuburundi ingoranezihari zohagarara bigacabifata iyambere mugufarura ibihano uburundi ukwonikwo kujahagari utanara!?.

  • MBEGA PRESIDENT PIERRE NKURUNZIZA WIGINZE KU MWAMI NEBUKADINEZA WAVUGA NGO IBABURONI YANJYE NYUBATSE NINDE WAYINKURA MUTOKE URAMENYA UTAZARISHA NKIKA MWISHABA

  • @tijos, james mukobwajana!! ndabahanure mwumve nsinumva ukungene muvtgako mushigikiye abatavuga rumwe na leta, ntamuntu numwe yovuga kakunda igihu agasaba ko amakungu yohagarika imfashanyo. ucumbwira nwe imfashanyo ihagaze twese turashikigwa pe!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.