Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe OLUCOME ryatabaje Paul Seger - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ishirahamwe OLUCOME ryatabaje Paul Seger

Ishirahamwe OLUCOME ryatabaje Paul Seger

lundi 9 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abanyotora amatungo ya Reta OLUCOME risaba abasanzwe bafasha Uburundi kurungika imfashanyo bemeye muri za nama z’I Geneve ari uko abategetsi ba kino gihugu bashize mu ngiro ivyari vyasabwe muri ayo manama na cane cane ibijanye no kwubahiriza intwaro ibereye.

JPEG - 46.1 ko
Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME

Mw’ishirahamwe OLUCOME babona ko atagikozwe izo mfashanyo zizoza ariko zikabandanya zitungisha akarwi kamwe k’abantu gapfukamye igihugu mu nda. Aha Gabriel Rufyiri akibutsa ko ari akamaramaza kubona urugero rw’ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi buri ku bice 4,8 kw’ijana mu gihe mu gihugu c’Urwanda caciye mu bihe bimwe n’Uburundi kigeze ku rugero rushika hafi ibice 7,8 kw’ijana. Mu gihe kandi twimirije amatora, Gabriel Rufyiri amenyesha ko izo mfashanyo zishobora gufasha umugambwe uri ku butegetsi kwiyamamaza, aha Gabriel Rufyiri agatanga akarorero k’imifuko ya wa mwavu uhabwa abanyagihugu ku giciro giciriritse uri mu mu bubiko bakaba bawushizeko ikimenyetso c’umugambwe CNDD-FDD, bikavugwa ko uzotangwa mu myiyamamazo.

Mw’ikete bandikiye Paul Seger arongoye umurwi ukurikirana ibibazo vy’amahoro ku Burundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, OLUCOME iramwibutsa ko igihugu c’Uburundi cari cemeranije n’abasanzwe bagifasha ko bazotanga izo mfashanyo mu gihe Uburundi buzoba bwashize mu ngiro ivyo bwasabwa gukurikiza, ivyo navyo vyinshi bikaba biri muri wa mugambi ujanye no kwubahiriza intwaro ibereye. Ivyo Uburundi bwasabwa kandi akaba ari kwubahiriza gushikiriza ivyiyumviro, kwubahiriza ubwigenge bw’itangazamakuru, gukorera ku mugaragaro ku mashirahamwe, hamwe no kwubahiriza ubwigenge bwo kumenyeshamakuru. Ivyo navyo vyategerezwa gutanguzwa n’amanama rukokoma.

Mu gihe rero mu Burundi habaye inama rukokoma zitandukanye, ngo ni akamaramaza kubona ivyavuye muri ayo manama atanakimwe cigeze kija mu ngiro, nk’uko Gabriel Rufyiri umukuru w’ishirahamwe OLUCOME abandanya abishikiriza mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa mbere kuwa 9 Ruhuhuma. Kubona rero Reta y’Uburundi idashira mu ngiro ivyumvikanyweko muri zirya nama z’i Gènève, bituma agateka ka zina muntu kabandanya gahonyangwa, ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro bugahonyangwa. Mu gihe rero abafasha Uburundi batovyitaho, bizoca bituma intwaro rusangi n’iterambere biba umugani mu gihugu c’ Uburundi.

Nka rimwe rero mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yakurikiranye amanama y’abafasha Uburundi yabereye i Geneve, mw’ishirahamwe OLUCOME basaba abasanzwe bafasha Uburundi gutanga imfashanyo bemeye ariko zigatangwa ari uko Uburundi bushize mu ngiro ivyasabwe muri ayo manama.


Floxella Karire

Messages

  • Turagusavye usabeko bohagarika imfashanyo za CNDDFDD ariko ifashanyo zigihugu zikomeze kuza nubwozokoreshwanabi ariko zibezinjiye mugihugu.

  • Mbe Rufyiri ninde yakubwiye ko leta irongowe na nyenicubahiro,Petero nkurunziza,amavoka yarateye,ibitaro namashure yarubatse,abagore bavyara kubutu Stevia yararanduwe,ivyo vyose nibituzanira amahera yagaciro.wumvise ngo.leta yacu irakenye bagomba baragumya umukuru wacu azobura ivyarya kandi.akanoti.agafise.uburundi burikwiye kandi.bwarikukiye ntamfashanyo zabazungu.dukeneye .mudumure kwinduru twitwarire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.