IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe PAM rigiye gutanga ku Burundi imiriyoni 61 z’amadorari

Ishirahamwe PAM rigiye gutanga ku Burundi imiriyoni 61 z’amadorari

mardi 18 Ruhuhuma 2014

Umugambi wo kugaburira abana ubasanzwe ku mashure watangujwe mu Burundi, kimwe mu biganiro vyahuje umushikiranganji Laurent Kavakure na Bienvenu Djossa aserukira ishirahamwe PAM mu Burundi.

Bienvenu Djossa aserukira ishirahamwe ryitaho ibifungurwa kw’isi PAM mu Burundi kuri uyu wa mbere wa 17 Ruhuhuma 2014, yarakiriwe n’umushikiranganji w’imigenderenire n’ayandi makungu Lauren Kavakure. Mu vyo baganiriye, hakaba harimwo umugambi wishinze kugaburira abana ubasanze ku mashure watangujwe hano mu Burundi hamwe n’ikibazo c’umuporisi w’i Ngozi yidengemvya, inyuma yaho sentare ntahinyuzwa y’i Ngozi imuciriye igihano co gupfungwa. Ico gisongerezi c’umuporisi kikaba cagirizwa guhohotera ubuzima bw’umwe mu bakozi b’ishirahamwe PAM, yarasanzwe akorera mu ntara ya Ngozi.

Bienvenu Djossa akamenyesha ko yarazanye ubutumwa yarungikanywe n’umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe PAM. Ubwo butumwa bukaba bwari ubwo kumenyesha Reta y’Uburundi ko, ishirahamwe PAM rigiye kuzotanga imiriyoni 61 z’amadorari y’abanyamerika mu mugambi wayo mushasha w’ I 2012-2016. Uyo mugambi ukaba uhuye n’umugambi w’igihugu wo kurwanya ubukene (CSLP2).

Laurent Kavakure umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi

Ku kibazo cico gisongerezi co mu giporisi c’i Ngozi naco, acidegemvya mu gihe yaciriwe igihano co mu nyonyoro, umushikiranganji Laurent Kavakure akaba yemeye ko agiye kweregera abarongozi babijejwe, kugira bacige mu maguru masha.
Akaba yasavye PAM hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu akorera hano mu Burundi, kubandanya bizera Uburundi mu kungene budahengeshanya gushitsa amaserano baba bagiriraniye hamwe nabo.


Mariella Bukuru

Messages

  • Ariko uyomu police acidegevya yaciriwe igihano,ntibomushira mugasho agaheza igihano ciwe!hama tukabandanya twironkera ifashanyo atakangonongono!nigiki kibuze ngwafatwe?ejo nabazinduke bamutamumpimba,uyo mukuru wa pam agende abonye ko akarayemwo.hama bace banyarutsa ako gafashanyo kacu.eregaho uhura yari kuza akazanye!

  • Ivyuburundi azobiharure abibonye njakubahwa kubwumutimawikigongwe murazobananyamufasha abarundi ariko kuvugakohofunga umuporisi ntikibaho kukontanumwe aho atagizwa icaha uhereye nokuruwomurikomuravugana mwezanenyebirire kukozarabaye

  • Ivyuburundi azobiharure abibonye nyakubahwa kubwumutimawikigongwe murazobananyamufasha abarundi ariko kuvugakohofungwa umuporisi ntikibaho kukontanumwe aho atagirizwa icaha uhereye nokuruwomurikomuravugana mwezanenyebirire kukozarabahaye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.