IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe Parcem risaba ko amasoko yotangwa ku mugaragaro

Ishirahamwe Parcem risaba ko amasoko yotangwa ku mugaragaro

vendredi 17 Rusama 2013

Mu ntumbero yo kwirinda hoja igipfungu mu bikorwa vyo kurondera uwohabwa isoko yo gukurikirana ikibanza ca Cotebu, ishirahamwe Parcem (Parole et Actions pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités) risaba abategetsi b’Uburundi kuhagabira.

Uwuserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe, Faustin Ndikumana, aragabisha Leta y’uburundi kuko mu bihe nk’ivyo, abategetsi bafise izindi ntumbero baca bikika mu kiza bagatanga mwene ayo masoko ata mategeko yubahirijwe. Bahitamwo iyo nzira kubera bazi ko bahakura igiturire canke ubunyonyezi bw’ubutunzi bw’igihugu.

Ishirahamwe Parcem risaba rero Leta kwisunga amategeko agenga itangwa ry’isoko kugira ico gikorwa kibere ku mugaragaro.

Nivyashika abo vyega ntibabikurikiranire hafi, Faustin Ndikumana amenyesha ko bazokwagirizwa kurerekera canke gufasha mu bunyonyezi canke mw’itangwa ry’igiturire, hatibagiwe utunenge twose tuzoba twigaragaje.

Tubibutse ko ico kibanza ca Cotebu arico isoko nshasha yo mu gisagara ca Bujumbura izokwimukiramwo, inyuma y’aho iyahahora iterewe n’impanuka y’umuriro kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2013, irasha yose n’ivyarimwo bitari bike birahasigara.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.