IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe PNUD ryemereye imiriyoni 70 z’amadorare u Burundi

Ishirahamwe PNUD ryemereye imiriyoni 70 z’amadorare u Burundi

vendredi 4 Nzero 2013

Amafaranga arenga imiriyoni 70 z’amadorare y’abanyamerika niyo ishirahamwe PNUD ritegekanya kuzoterera mu gushira mu ngiro umugambi wa reta wo kurwanya ubukene igice ca kabiri gushika mu mwaka wa 2016.

Ishirahamwe PNUD ritegekanya amafaranga arenga imiriyoni 70 y’amadorare y’abanyamerika yo guterera reta y’UBurundi mu mugambi wo kurwanya ubukene igice ca kabiri gushika mu mwaka wa 2016.

Ivyo,umukuru ajejwe ivyo ibikorwa mw’ishirahamwe PNUD yabimenyesheje kuri uno wa kane itariki 3 Nzero 2013 mu nama yo guhanahana ivyiyumviro yahuje abategetsi bo mu bushikiranganji butandukanye ku bijanye n’ibikorwa iryo shirahamwe ritegekanya gukora mu myaka ine iri imbere.

Muri ivyo bikorwa harimwo guteza imbere ibijanye n’intwaro ibereye,kunagura ubutunzi bwo mu gihugu hagati. Ivyo rero ngo akaba arivyo ishirahamwe PNUD rikaba arivyo ribona ko vyoterera cane mw’iterambere ry’UBurundi.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.