Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe Qtel yiyise Ooredoo ica ihitamwo Lionel Messi nk’umuserukizi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Ishirahamwe Qtel yiyise Ooredoo ica ihitamwo Lionel Messi nk’umuserukizi (...)

Ishirahamwe Qtel yiyise Ooredoo ica ihitamwo Lionel Messi nk’umuserukizi wayo

mercredi 27 Ruhuhuma 2013

umuhora wa telephone Qatari Qtel, waraye umenyesheje ko ugiye guhindura izina kugira witwe Ooredoo. Warongeye uhitamwo umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru Lionel Messi nk’umu ambassaderi wawo.

Qitari Qtel, umwe mu mihora ya telephone ikomeye kw’isi waraye utangaje ko uhinduye izina, ukaba ugiye kwitwa Ooredoo. N’amasociete awamukako akorera mu masoko agitera imbere ari mu buseruko bwo hagati, muri Afrika y’uburaruko na Aziya y’ubumanuko bushira ubuseruko, ategerezwa nayo gukorera kuri iryo zina rishasha hagati y’umwaka w’2013 n’2014. Muri Afrika ayo ma societe ni Tunisiana yo muri Tunisia na Nedjma yo muri Algeria.

Lionel Messi umu ambassaderi

Iryo teka yaritewe n’umukuru wa Ooredoo, Abdullah Bin Mohamed Bin Saud Al-Thani, mu birori vyateguwe n’urwego Mobile World Congress 2013, biriko birabera i Barcelone mu gihugu ca Espagne. Abdullah niho yaboneye akaryo ko kumenyesha ko umu ambassaderi agiye kuzoranga umuhora wiwe ari umunya Argentine Lionel Messi. Yaniyemeje gushigikira iciswe Fondation Leo Messi rukaba ari urwego rwashinzwe na Messi rwo guteza imbere amagara n’indero ku bana bo kw’isi.

Ooredoo yarateye imbere bimwe biboneka muri iyi myaka itandatu iheze, ndetse ubu ikaba igeze ku banywanyi bangana imiliyoni hafi icenda, ikaba yinjije amadolari agera ku miliyaridi hafi indwi mu mezi icenda ya mbere yo mu mwaka w’2012. Ivyo bikaba vyerekana ko na Messi agiye gutera intambwe idasanzwe mu butunzi.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.