Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe ry’abakukuruke ba INSS ntirishima umugambi wo guha umutahe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ishirahamwe ry’abakukuruke ba INSS ntirishima umugambi wo guha umutahe (...)

Ishirahamwe ry’abakukuruke ba INSS ntirishima umugambi wo guha umutahe Amanda Drinks

vendredi 6 Nyakanga 2013

Ishirahamwe ry’abakukuruke mu Burundi ririyamiriza kubona INSS iri mu banyamitahe b’ishirahamwe Amanda Drinks ry’i Bubanza, rihingura ivyamwa, kuko bidahura n’intumbero iryo shirahamwe ryihaye yo gutegekaniriza kazoza abakozi.

Biheruka kuvurwa n’ishirahamwe OLUCOME ko INSS ( Institut National pour la Sécurité Sociale) yatanze umutahe ungana n’imiliyaridi cumi, zo gufasha gutanguza ibikorwa vy’ishirahamwe Amanda Drinks, ry’i Bubanza, rihingura ivyamwa.

Abakukuruke bo mu Burundi, biciye mw’ishirahamwe ryabo ARB (Association des Retraités du Burundi) bamenyesha ko gushira amafaranga angana gutyo mu mugambi udashoka uyasubiza bishobora gutesha INSS intumbero yihaye. Abo bakukuruke bashikirije ivyo bisunze ingene umwimbu w’ivyamwa uvana n’ikirere.

JPEG - 84.7 ko
Inyubakwa y’icicaro gikuru ca INSS i Bujumbura

Mw’ishirahamwe INSS, ku ruhande rwabo baragabisha ko ata mutahe baratanga kw’ishirahamwe Amanda Drinks. Ndaye Athanase Joshua, umukuru w’inama mpanuzwajambo ya INSS amenyesha ko uwo mugambi bakiriko barawiga kandi ko naho vyoshika bakawukora ata ntambamyi abibonamwo. Ku bwiwe, igikenewe nyabuna n’uko boba bakoze ivyigwa bikwiye bakaraba inzitizi zirimwo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.