IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ryibutsa Reta kwubahiriza amasezerano

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ryibutsa Reta kwubahiriza amasezerano

mardi 14 Ndamukiza 2015, par Egide N

Ishirahamwe ry’ubumwe rya buraya ryarungitse abarororerezi bakurikirana amatora azoba mu burundi kuva mu kwezi kwa Rusama. Iryo shirahamwe rimenyesha ko amafaranga ryemeye azokoreshwa mu matora rizoyatanga, ariko Reta y’Uburundi idashize mu ngiro ivyo bumvikanye, ayo masezerano ashobora guhinduka.

Mw’ikete umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yarungikiwe kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2015, ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ryamumenyesheje ko rigiye kurungika abarorerezi bazokurikirana amatora, yaba ay’abahanuzi ba komine n’ay’abashingamateka ategekanijwe kuwa 26 Rusama 2015, canke ay’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuwa 26 Ruheshi 2015. Iryo kete ryarungikiwe umushikiranganji Laurent KAVAKURE rimumenyesha ko abo barorerez b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya bazotangura ku mugaragaro ibikorwa vyabo kuwa 24 Ndamukiza 2015.

JPEG - 153.9 ko
Patrick SPIRLET, aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi

Mu biganiro vyabaye kuri uwu wa kabiri, bitunganywa ku kwezi ku kwezi hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, Patrick SPIRLET, aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi, yamenyesheje ko iryo shirahamwe ryamaze gutegura amafaranga ryemeye gutanga kugira akoreshwe mu matora, ko igice ca mbere camaze gutangwa, ko n’ayasigaye bazoyatanga. Mu gihe Reta y’Uburundi itokwubahiriza ivyo yasezeranye n’iryo shirahamwe, Patrick Spirlet avuga ko ayo masezerano ashobora guhinduka ico gice c’ayo mafaranga asigaye ntigitangwe. Muvyo Reta y’Uburundi yesezeranye n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, Patrick Spirlet arongoye iryo shirahamwe agaruka ku matora ateguwe ku mugaragaro, kandi ahuza bose, hamwe n’ugutebutsa imanza z’abantu bapfunzwe bazira poritike.
Nk’uko vyashikirijwe n’uwo atwara aserukira mu Burundi ishirahamwe ry’abanyaburaya mu Burundi, amatora meza niwo mushinge w’ugukomeza intambwe Uburundi bugezeko kuva amasezerano y’i Arusha ateweko umukono.

Patrick SPIRLET akamenyesha ko ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza ari ikibazo gitegerezwa kwigwa hashizwe imbere ukunywanisha abarundi, hamwe n’ukwubahiriza amasezerano y’i Arusha. Mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya bakamenyesha ko ico kibazo bagikurikiranira hafi, kandi ko batazokwemera ko hakoreshwa inguvu.


Egide Nduwimana

Messages

  • kuki abarundi namakungu ashira imbere amasezerano y arushya?kuki cndd fdd itayakozwa? kandi ariyo yazanye amahoro i burundi.barundi barundikazi twese tuvire hasi rimwe turwanye uwoshaka kongera kutuzanamo intambara.arusha niyo yaduhaye amahoro ntantambara yayaduhaye kuko ntawayitsinze ntanuwayitsinzwe

  • Buraca biraza,
    Patrick Spirlet womwishirahamwe ryubumwe bwa Bulaya AKAMENYESHA NGO: UGUSUBIRA KWITOZA KWA PETERO NKURUNZIZA ARI KIBAZO GITEGEREZWA KWIRWA HASIZWE IMBERE KUNYWANISHA ABARUNDI, HAMWE NUKWUBAHIRIZA AMASEZERANO Y’ARUSHA. MWISHIRAHAMWE RYUBUMWE BWA BULAYA BAKAMENYESHA KO ICO KIBAZO BAGIKURIKIRANIRA HAFI, KANDIKO BATAZOKWEMERA KO HAKORESHWA INGUVU. Murumvarero abirirwa murabwira abanuagihugu ngo ubulaya bwariyemeje kubahibirwanisho vyogukuraho Cnddfdd mbesebigatuma bamwe mubenegihugu bahunga muratumwanya wubusa!.

  • Kwumva umuntu w’i bulaya yinginga abantu gukunda igihugu cabo n’abakibamwo, biramaramaje. Kuki abantu bakunda inda zabo kurusha ubuzima bwa bagenzi babo?? Abasheshe amaraso, Mwanka, mwemera, muzobibazwa. Burakeye tuzivuze. Dukeneye umu Patriot atware aburundi, apana ba nyamida. Ubukene burugarije igihugu cose, aho gutera tuja imbere, tweho duhigana tuja inyuma. Mbega ntibibatera isoni guseruka mubandi bitwa ngo n’abanyuma kw’isi?? Mangwa hagowe abadaseruka. Abo bibida barabikunda kuko baca babigira icitwazo kugira babahe amahera yo gufasha mugisata kijejwe amagara y’abantu (akarorero) bace bayagabura. Mugihe igihugu kigitwagwa n’abantu bipfuza kubeshwaho n’udukorotse tuvuye mukiganza c’abazungu, Turacageramiwe tukiriko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.