Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe Socabu ryahaye ingabire igipolisi c’u Burundi
Ishirahamwe Socabu ryahaye ingabire igipolisi c’u Burundi
vendredi 18 Nzero 2013
Mu ntumbero yo gukorana neza hagati y’ibiro bijejwe imibano mu gipolisi c’igihugu hamwe n’ishirahamwe Socabu,ishirahamwe Socabu ryaratanze ibikoresho vyo gutumatumanako ku gipolisi c’igihugu kuri uno wa kane igenekerezo rya 17 Nzero 2013.
Mw’ijambo ryiwe ry’uwo munsi,umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe Socabu Genevieve Kanyange yamenyesheje ko ivyo bikoresho bizofasha ikintu kinini mu gipolisi c’igihugu.Ivyo bikoresho rero bigizwe n’ibikoresho bikoreshwa m’ubuhinga bwa none harimwo imashini zitatu «ordinateur» ziri kumwe n’ivyo bigendana vyose.
Nkuko Genevieve Kanyange yabandanije abimenyesha ngo izo mashini zizotuma ishirahamwe Socabu rikorana neza n’igipolisi c’igihugu na canecane ku bijanye no kuronka amakuru ku bakukuruke mu gipolisi.Ivyo bikoresho kandi bizofasha mu guteza imbere igikorwa c’igipolisi na canecane igisata kijejwe ivyo imibano gikurikirana kandi ibijanye no gukukuruka.
Mw’ijambo ryiwe ryo gushima,OPC1 Ntakavura Serges umukuru w’ibiro bijejwe imibano yamenyesheje ko igikorwa co kugenzura ibijanye akarusho gahabwe abapolisi bakukurutse bigiye gukorerwa ku mugaragaro kugirango bakureho amakenga ya bamwe bamwe mu bapolisi.
Twobibutsa ko ubuyobozi bukuru bw’igipolisi na Socabu bashize umukono ku masezerano ajanye no gusahiriza abapolisi bakukurutse, mu gihe bapfuye canke batagishoboye gukora akazi bivuye ku mpanuka,hakaba hari muri Ntwarante umwaka w’2006.
Grace Irimbere