Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isidore Rufyikiri asaba abanyeporitike kudasubira gusamazwa n’ikiringo ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Isidore Rufyikiri asaba abanyeporitike kudasubira gusamazwa n’ikiringo ca (...)

Isidore Rufyikiri asaba abanyeporitike kudasubira gusamazwa n’ikiringo ca gatatu

jeudi 19 Ntwarante 2015

Isidore Rufyikiri asaba abariko barahiganwa mu matora yo muri uwu mwaka w’2015, kutabandanya basamazwa n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Umushingwamanza Isidore Rufyikiri ari mu bazitoza ku giti cabo, asaba abanyeporitike bose guhagurukira icarimwe, bagasba ko umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI uhagarikwa, hakajako uwundi, kuko uwo murwi bimaze kwibonekeza ko utigenga, ukorera umugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD.

Isidore Rufyikiri, asaba abanyeporitike kuraba muri iki gihe igifise uburemere kuruta ibindi, hagati ya CENI n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, abe arico barwanira. Ku bwiwe, hatangure kwirwa ikibazo ca CENI, ibanze ikurwe, hajeho iyindi yizewe na bose, kuko CENI ihari uwu munsi, abona ko ishobora kuzoha amajwi abatayakwiye, abandi bakayibwa. Isidore Rufyikiri rero, we asa n’uwuremesha abanyeporitike bariko barahiganwa kuzitabira amatora cane cane ay’umukuru w’igihugu, n’abandi bariko biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ko ikiringo cagatatu ivyaco vyarangiye, batokwirirwa barata umwanya arivyo bavuga gusa.


Aristide Nizigire

Messages

  • murabe ntibongere kuducamwo ceni iriko ikorera umugambwe waba dd rero ntibagume baba samaza ngo babace muryahumye ntimuryameme ngo musinzire kuko biboneka ko abobagabo bariko bakora ibisoboka kugira bayibe amazwi ico nobasaba nuko muba amaso ntibongere kuguma batwica

  • RUFYIKIRI KUBA VYARAKUNANIYE KUMARA ABAHUTU MURI 1972 NA 1993; NAHO WOBO PEREZIDA MURI 2015 NTAVYO WOSHOBORA KIRETSE KO WOCA UPFA URUFU RUBI NKA KINYOMVYI!!!!!!!!!!!KUBA PEREZIDA KWAWE NAKWO NINKUKUROTA KUMUTAGA UKANURA KUKO KABA ARI AGASEMA. VUGIRA AHO WICAYE GUSA NIVYO USHOBOYE.

  • Ivyo Me Rufyikiri avuga nivyo twese tumaze imisi dusemerera ariko abanya politique na Societe Civile umenga akamo tubatera ntibakumva? Haguruka musabe ikintu kimwe: Une Commission Tripartite (pouvoir-opposition-societe civile) avec 3 missions: a) validation du fichier electoral, b) controle de la cellule informatique de la CENI, c) observation electorale. Si pas ca, arretez de nous casser les meninges avec cette histoire desuete de 3eme mandat. Ivyo twarabihejeje.

  • Nyakubahwa me Isidore rufyikiri wewe ndabona ko tuzogutora rero gerageza ube urategurira imigambi y’igihugu kuko twakuronse niwewe nyene kandi uzotangurire gusanura ivyo aba dd basize basambuye kuko aba dd ntakuntu bari kubaka kuko ntaho bavyigiye kandi ndabasabiye imbabazi ntuzobashire imbere y’ubutungane kuko ntibari bazi ico bakora

  • Ari ko mutama kwitoza nivyo ariko.urandure umutima w amacakubiri.yo.kwanka abahutu,kubona uvuga ko nyakubahwa umuhisi Ndandaye ko yateguye ihonyabwoko ngo hanyuma abo vyarikumwe bahera akagwi kabasoda baramuhitana.none wumva tukwizeye T na H bitosubira kumazina y abanyeshure? Universite y uburundi ntiwumva ko yosubira kwigwa mwo nubwoko bumwe,igisoda ntiwumva ko cosubira kwitwa fab,vyukuri imyaka ufise n amabanga waranguye uwo mutima mubi muri ibi bihe.tugeze mwo ntacibahoro uzoguhesha.

  • Ikinikindikimenyetso cerekananezako turetse aba CNDDFDD bavyivugirako intsinzi arikashi kuriyo iyukurikiranye uyu Ryfikiri ivyavuze ubonenezako nawe abonako intsinzi kuri CNDDFDD arikashi agahezanyene nkununya politike akacayivugishango CNI ngonihagarikwe ngokubera ngwibiye amajwi Cnddfdd ngonicogituma itsinze! Namwe munyumvire umuntu ahokwemerati CNDDFDD iracarimberecane yiyindimigambwe ariko akivugira ngo CNDDFDD ngwiribiwe amajwi na CNI !!! Kandibivyokubonako CNDDFDD aringimbwa izotsinde suyumugabo abayuwambere abivuze hariho nabandibanye politike banamutanze kubiboma Ko CNDDFDD izotsinda mukwibuka abaribo nabonyene bavugango CNI ngoniyo itumye CNDDFDD itsinda! Eregabobo ntibirirwabararindirangwamatorabe kuberanyene vyibonekeje Ko CNDDFDD izotsinda bacavavugango iratsinze kumera CNI !!!.

  • Ingorane yabantu batagira ivyo bashikiriza abanyagihugu,bavuga ibibajemwo vyose bakavyita ukuri
    - rufyikiri ico yita gito nicoshimikiro yivyo we yita bikuru
    - dufatiye kurabo bubatse nyinshi gusumba abandi baranabizi kuko bubatse nyinshi igihe wubaka uhera kumushinge kuko ariwo shimikiro ryinzu yawe niryo rituma inzu yawe igira agaciro kanini kuko uba uzi uko yubatse
    - ererega abarundi batagiye baramenyera iyo ngendo ya demokarasi nuwundi yoza hageze ko avaho agatangura guharura iminsi yamaze atari mugihugu yafashe ingendo akakubwira yuko irya minsi bayimusubize kuko yari yavuye mugihugu atwara
    - rero nukubamenyereza ko naho wofata ingendo nyinshi zitandukanye ko wari umukuru wigihugu niyo minsi iharurwa muminsi watwaye igihugu
    - bishoboka ko uyo Rufyikiri abona ko ataco afise kurubuga agashaka kuyovya abandi kugira baburire aho nawe azoba yaburiye
    - kira noneho kubaza guha uyo mutama amakuru nibamubwire ko birya abarundi bose bashaka amasengero n,abandi bari mumugambwe cndd fddbariko barazira kandi bari abanse rimwe numukuru w,igihugu ntizofasha abo babisaba gusa bizofasha abarundi bose na Rufyikiri arimwo cane cane we kuko ariko aniganira kuba umukuru w,igihugu
    - ibintu nibitomore bifate intumbero kugira na Rufyikiri ukaramuka ugize ibakwe ryo kuba umukuru w,igihugu ntuze utugore kubisikanya nabandi
    - abarota nabo biha intsinzi amahiganwa ataraba kuko nimba intsinzi ari kashi kubabivuga none niboroshe babise abandi abarundi dutore amatora atarimwo ubusuma turabe intsi iyariyo
    - nuwera we ndaguhanure ncuti yanje naho ntakuzi kandi nawe ntunzi,cndd fdd ntuyirusha abo bariko bakurwa mumabanga hirya nohino,ntuyirusha H.Hussein Radjabu yamaze imyaka ishika k,umunani,ntuyirusha Manassé eka nabandi uzi wirengagiza ariko batawe inyuma yu,rukino baca umugani ngo INKONI YAKUBISE MUKEBA URAYIRENZA URUGO MUMAGURU MASHA............urumurundi tahura ikirundi

  • JEWE ICO NOBIVUGAKO NUKO YOBISA ABANDI NKUKO BAVYEMERANIJE IHARUSHA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.