Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isidore Rufyikiri agiye kuzitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Isidore Rufyikiri agiye kuzitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

Isidore Rufyikiri agiye kuzitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

jeudi 12 Ntwarante 2015

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri amenyesha ko agiye kuzitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, kandi akazitoza nk’uwugenga, atamugambwe arimwo.

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri akaba yahoze arongoye urwego rukuru rw’abashingwamanza mu Burundi. Ku bwiwe, ibiba mu Burundi birarenze urugero, aho abanyagihugu batwarirwa mu gipfunsi, ubutunzi bwabo bugasahurwa amenya, mpinga yanje mu guhabwa akazi, akarwi k’abantu bapfukamye mu nda ubutungane, kugirira amarementanya abantu kugira batabwe mu mvuto n’ibindi. Umushingwamanza Rufyikiri, akavuga ko hamwe amatora yoba, agatorwa, yofasha abarundi mw’iterambere, abarundi bakava mu bukene buzura inzara, ndetse akavuga ko atoba aje nk’abandi kenshi bazana inzara, bakaba, bakaba amasiha mu bigega. Avuga ko hakenewe abantu bakunda Uburundi, n’abarundi, kandi akipfuza n’amahoro ku banyagihugu, amara umwanya muremure.

Ico Isidore Rufyikiri arushije abandi, yabwiye abamenyeshamakuru mu kiganiro yabaye, ko we ari we nyene, uko ari mu buntu bwiwe, atazanywe n’ubushonji kugira mu kwipfuza kurongora abarundi.

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri

Aristide Nizigire

Messages

  • Nti "kaze" duhiganwe, ariko amanze acire umugera w’amacakubiri wamunyegeye. Ejo muri Kabizi yavuze ko Ndadaye yari umwicanyi kandi ko ari we bwahereyeko, n’izindi mvugo ziteye isoni.

  • uritoza no mubashinga MATEGEKO tuguhe amajwi .uri umushingantahe atari akagabo

  • Nivyiza kwitoza. Nuko imigambi batubwi bacitoza bashitse kubutegetsi baca bavyiyobagiza. Nayo kuvuga ko azoca akuraho ubukene sivyo. Nabandi bavuga nkuko none raba iyo batugejeje

  • ABANTU NI NKABA DUKENEYE!!! UKURI NIKO KURANGA UMUGABO!!1

  • On est dans l’émission radiophonique la plus écoutée du pays, àcommenter le sujet le plus chaud du moment, ce foutu troisième mandat qui va, vient, reste là, suspendu au dessus de notre présent et avenir. Une heure d’échanges polis, puis, pour conclure, une pichenette discursive de quelques minutes durant laquelle on met sur le même plan, Ndadaye, Havyarimana et Nkurunziza.

    Schématiquement, ce sont trois génocidaires Hutu qui ont préparé une même extermination, celle des Tutsi, mais ont péri les premiers, « àleur grand étonnement d’ailleurs ! » Si Ndadaye et Havyarimana ont été emportés par leurs plans macabres en 1993 et 1994, le troisième, après Kiliba-Ondes et autres Rugoti, s’apprête en toute logique àles rejoindre …
    L’animateur de l’émission ne nuance pas, ne contextualise pas, ne rappelle pas àl’ordre, pffuit !, tout cela est dit sur le mode « petite conversation au kiosque entre deux gorgées et trois potes », ça passe calmelou, au revoir, braves auditeurs, àdemain pour notre nouvel invité, bises, etc.

    On quitte le studio peinard.
    Puis, quelques instant après, on constate l’émoi que les propos ont soulevé. Dans tout le pays, àtravers toutes les catégories (« ubwoko« ) sociales du pays. On se rend compte qu’on vient d’offrir une occasion rêvée àceux qui défendent le retour de Nkurunziza !
    Pire : on se rappelle, tout Avocat, Ancien Bâtonnier qu’on est, que Pierre Nkurunziza​, qui, même s’il est contesté sur un nouveau retour de 5 ans, on se souvient donc que le Monsieur est ENCORE président de la République jusqu’au 25 août 2015.

    Mince ! Que faire après avoir accusé le Président de la République ENCORE EN EXERCICE de préparer un génocide ?
    LA PARADE : se présenter comme candidat aux présidentielles. En indépendant.

    Comme cela, si on te touche, tu hurles que le pouvoir s’en prend àtoutes les voix dissidentes, dissonantes et discordantes, qu’on t’en veut pour avoir … dénoncé ses travers, et comme les Blancs-de-la-Communauté-Internationale ils n’y voient que du feu, les amis avocats dans les pays puissants vont faire signer des manifestes de solidarité, tu vas aussi ajouter que tu as le droit de t’interroger si Nkurunziza laisse se préparer un génocide des Tutsi vu que des types hutu du parti au pouvoir ont écrit àBubanza des tracts de haine ethnique bénis plus tard par le ministre de l’Intérieur parce que pour ce dernier « il faut chercher les voix du vote par différents moyens », tu diras donc que tes propos sur le Nkurunziza-làc’était un procédé de pêche-au-membre, le « membre » en question étant une espèce de gros poisson humain visible àl’approche des scrutins, etc.
    Bref, tu sortiras triomphalement de n’importe quelle cage, façon Bob hein ?, si jamais on t’arrête.

    D’ailleurs, c’est gérable, cette crise : depuis qu’on a été àla RPA commenter la fin prochaine et sanglante de Nkurunziza, qui n’est plus liée, on l’a compris, àson troisième mandat, aucune condamnation par voie de presse d’aucune personnalité de la vie politique burundaise n’a fusé. Pourtant, elles sont nombreuses, ces voix qui détestent « les divisions ethniques ! »
    Un silence encourageant ? Ou solidaire ? Ou gêné ? Ou écœuré ?

    Ce pays est grave.

  • @matana
    "uritoza no mubashinga MATEGEKO tuguhe amajwi .uri umushingantahe atari akagabo"
    Woba umushigikiye kukubera musangiye umugera w’amacakubiri yabanyegeye?

  • jewe nari narahiye gutora noneko uwo mushingantahe wijunja ni jambo avuzeko azokwitoza ubu nzoca niyandikisha nje ku mutora ndak.higanwa sha nabatari nkawe ..........;mbanze ndeke wewe u........

  • @Mahoro,
    Reka iryo terabwoba no kwigira ico mutari. Umenga muri ibihangange bidakorwako! Critiquer un President en exercice isigaye ari crime? Wotubwira aho Rufyikiri avuga ko Nkurunziza ariko ATEGURA genocide? Kuvuga ko ukwitoza kwiwe ubwa 3 bishobora gusesa amaraso Rufyikiri ni we wambere abivuze?

  • Ewe Imana yacu urigitangaza cane uributse uburundi n’abarundi ngo uwuzokiza imibabaro uburundi n’abarundi bafise bitewe n’intwaro ya petero nkurunziza MANA MUSHOBORA VYOSE uwo mushingantahe muhe kuba umwami nka Dawidi ataneshe abamenja nka Daniel Imigisha n’imihezagiro bibe kuriwe nka Shaduraka;Meshake n’abedenego !Ndazi neza ko uri IMANA yamashimwe ugire ushitse isezerano kubarundi nkomvomvora usambure ububutegetsi mbwa satani ;bigira abasenzi;bigira intama naho ari amabingira ;amasengesho yabo aragoretse ;dukingire MANA SUMBAVYOSE!Isidole imbere yawe uhashire Uwiteka IMANA y’abisrael natwe turakujinyuma ariko ushirimbere Uwiteka kuko vyose vyubakiye kuriwe.

  • Cher ami Isidore,
    Tu as vu juste. Vas y.
    1. Mais de grace, pas en solo, STP. Rejoins le camp des independants. Le facteur numerique sera determinant. Nous serons nombreux a te rejoindre, mais dans le RANAC.
    2. Ne commet pas la meme erreur que mon autre ami —Gerard Nduwayo (il se ressaisira peut-etre!).
    3. Aussi, fais-toi elire en meme temps comme Depute avant meme les presidentielles. Je sais que tu comprends pourquoi.

    p.s. Notre Nduwimana a sorti une autre heresie juridique ce matin. Il a dit devant les medias que les Independants ne sont pas autorisEs a former des coalitions. He must have pumpkins (imyungu) in his brain.

  • Jewe nagumye nibaza iyo abantu nka Sylvestre Ntibantunganya, Domitien Ndayizeye, Jean Minani, Leonce Ngendakumana, Ephrasie Bigirimana, Pacifique Nininazwe, Vital, Pacrace Cimpaye, Charles Nditije, Agathon Rwasa, Chavineau, Zedi Feruzi, Mbonimpa PC... amashirahamwe nka CNC, OPB, ABR, UBJ, RPA, Isanganiro, Bonesha, Rema, Renaissance na yayandi bavuga agize societe civile n’ayabamenyeshamakuru iyo yagiye n’ico ariko arakora igihe yumva uwo mugabo Rufyikiri yifatira mu gahanga Mekchior Ndadaye, incungu ya democratie, umuntu twese twari dukwiye kubaha tugasonera? Ikitontangaza nuko iyo ivyo bigira uwundi, ndazi neza ko yaca iba inkuru ya mbere mu makuru yose. Umugabo nka Rufyikiri atagira ico yubaha niwe ngo agomba ko tumuha amajwi agatwara Uburundi? Mwibuke ingene ikindi gihe yita abacamanza ngo ni "utugabo n’utugore". Ubu naho ngo Melchior Ndadaye yateguye genocide ica iramuhitana? Ndazi ko iyaba ari mu kindi gihugu atari Uburundi, yari gutumwako akabisigura neza. Ndagaye cane Bob yari aremesheje Kabizi y’itariki 10 Ntwarante kuko ntiyari kureka amajambo nkayo akarengana mu kiganiro no kuradiyo arongoye.

  • UYO MU PUCISTE NGONIWE AJE GUTWARA IGIHUGU????????? HIHIHIHIIIIIII NYA AHO WERETSWE!!!!!!!!!!!! NTUMUTUTSI AZOSUBIRA KIGIHONYOZA KO IKIRENGE!!!!!!!!!! KUBERA MUTUMVA KANDI MUDATAHURA UMWE YACA UMUGANINGO AZOTWARA IGIHUGU GUSHIKA YESU AGARUTSE; YAVUGAKO ATAMUTUTSI AZOSUBIRA GUTWARA GUSHIKA YESU ASOHOYE MUBURUNDI HIHIHIHIHIHIHIIII RUFYIKIRI HAKUBA UMUSHINGANTAHE NGO WISHIKANE MURI CVR UBONGORERE URUHARA RWAWE MURI 1972; 1987; 1991; 1993 GUSHIKA 2005 NONE NGO UGIRA WITOZE NGO URIUMUSHINGANTAHE WIJAMBO!!!!!!YOOOOOOOO UMUTIMA NTUBAMWORO AHUBWO URI UMUKUNGU AKWIJE IVYANGOMBWA.

  • None se niyotz’ adukure kwinduru. Tuzomwereka ko kuvug’ ubusa ataribyo bitum’umunt’ aba president muburundi. Nabon’ amajwi menshyi ni: 0.0003%. Ham’ amatora nahera tumaze kwiganzur’ iyi ntwaro yabo (igikoresho cabo). Ubutungane buzoba bushitse tuzomuherak’adusobanurir’ ibya genocid’ avuga yakozwe na MAHATMA Merichior Ndandaye. Mugabo mbere yabyose tuzobanza tubasa kuruka abantu bacu mwariye za 1972,ntega na marangara etc. Hanyuma tuze kubya 1993, kuko bigaragara ko ak’ uyu mucamanza Ruphyikiri afite byinshyi byokutubwira kubyabaye nukungene yaciriy’ urubanza Ndanday’ akanamukatir’ urwo kwica nagagwi kama vampire yatuririy’ abantu 1972. Byose tuzobisubiramo uko bikurikirana nyuma yamatora niduheza kwiganzur’iyi ntwaro ya CNDD FDD(Agakoresho kaba mporona).

  • AGATO RWASA NA MINANI JEAN; MWARAYE MWIYUMVIYE UKUNTU IVYIYUMVIRO VYABO BAPORONA IYO BIJA!!!!!!!!! KUBONA RUFYIKIRI MURI KABIZI AVUKGAKO NDADAYE ARIWE YIYISHE; NGO KUKO YARI UMWICANYI!!!!!!! NIBARA NIBARA; HAMA FNL NGO ITUJANE MURUNANI RANAC HAHAHAHAHAHA IVYO VYIYUMVIRO VYA RUFYIKIRI NIVYO VYA TASIYANO KUKO ABOBOSE BATIFUZA KO BUYOYA AGIRA IBIGANIRO NABAHUTU mwibuke ko buyoya yafunze uwomwicanyi rufyikiri kubera ububegito bwiwe. RWASA; INYENZI YISEMA IITANDARA KUMURUNDI WINKOKO; SOBANURA INYENZI NIRWASA INKOKO NI TASIYANO.

  • hahahaha wibaza aho yavuze ngo bomutora azokuraho ubukene; ntimujane narwo kuko ubukene avuga ni abahutu; ariko arabesha nibarutanguze nirutabahitana ruzobahitaniza!!!!!!!!! nditeguye kandi ndakumbuye kurasa amasase yurutavanako kandi nfire igihugu.

  • je ico kiganiro sinacumvise. Ariko uko mbonye yisiguye avuga ko atavuze Melchiol NDADAYE ahubwo ko yavuze ko hariho abo muri FRODEBU bateguye bagashira mu bikorwa genocide y’abatutsi yo muri 1993, nibaza ko atihenze. None hari umuntu yarahari ico gihe atabibonye? Hari n’umwe atazi ko vyateguwe nabo? Ego si bose, ariko hariho ababikoze! Patric NKURUNZIZA nawe avuze ko azokwitwara, uwutitwariye abamupfungiye ubusa bamwagiriza ko yakoranye n’abarwanyi bateye mu Cibitoke kandi ari ibinyoma, ubu niho yokwitwarira ibintu nk’ivyo bitagira mvura?

  • SINZI KO NUMVA NABI IYO KABIZI NARAYUMVIRIJE KANDI NTA NYUNGU MFISE IWIWE..NTAHO NAVYUMVISE ..ISIDORE NI UMUSHINGANTAHE ARIKO GUTWARA KWIWE NTAKO KUKO NI MAJORITE ITWARA ABARUNDI NTITURAVA MU MOKO NI IKURI KUZIMA ..ARIKO NAGEZE AJE HAMWE N ABA RANAC NGIRA YORONKA UBU DEPUTE BASI ..

  • mbega kwitoza kwanyu kuzotuma ibishomeri bihabwa akazi mwebwe nimwitoza muzoshitsa iki kubene gihugu twebwe ntambinga yawe uzoha akazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.