Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isohoka icese rya “Nampenda”, urukurikirane rushasha rwa Adora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Isohoka icese rya “Nampenda”, urukurikirane rushasha rwa Adora (...)

Isohoka icese rya “Nampenda”, urukurikirane rushasha rwa Adora UWIMANA

samedi 6 Mukakaro 2013

“Nampenda”(Ndamukunda), urukurikirane rwa mbere rw’umuririmvyi Adora UWIMANA rwaraye rusohotse icese ku mugoroba w’uyu wa 5 Mukakaro. Rugizwe n’indirimbo 7, hafi zose ziri mu mudiho wa Hip Hop na Reggae. Abaririmvyi baririmba indirimbo zo guhayagiza Imana nabo ntibari batanzwe gushigikira mugenzi wabo.

JPEG - 148 ko
Adora Uwimana

Mu kibanza c’ibiteramo ca IFB cuzuye , imbere y’intango nyezina yigiteramo, umurwi Best Friends of God niwo wikoze mugahogo. Uza wuhirwa n’intambo y’umurwii Ganadores. Abaraho agahimbare gatangura guseruka. Umuririmvyi Fabrice Nzeyimana akaba ariwe yahaye ikaze icese Adora Uwimana ngo yugurure igiteramo nyezina. Uyu mwigeme nawe yashitse imbere y’abitavye ico giteramo maze umuziki “ushushe” cane urashwara ico kibanza.

JPEG - 63.6 ko
Yves SHAKA (ibubamfu), Adora UWIMANA (hagati) hamwe na Jiji Seven (iburyo)

Yves SHAKA, Jiji Seven, bompi bakoranye na Adora kuri urwo rukurikirane bagiye barakuranwa mu kwifadikanya na mushiki wabo mu muziki. Abandi bifadikanije na Adora ni nk’umurwi H4C n’umuririmvyi Ornella Ininahazwe. Umurya uryohoye kandi wa none niwo baririmbiyeko amajambo y’Imana nkora mutima. Ivyo bikaba vyatumye abaraho bamara hafi igiteramo cose bahagaze, baririmba bongera batamba. Inyegamo nazo zo murico kibanza zirashomera. Adora ati: “Izi ndirimbo tuziririmbe tunazitambe ku bw’icubahiro c’Imana yacu”. Ico giteramo kikaba cari citabwe ahanini n’urwaruka.

JPEG - 40.7 ko
Abitavye igiteramo bariko baratamba

Inyuma y’igiteramo, Adora UWIMANA yatubwite ati: “Ntamajambo numva mfise yukuvuga ku vyerekeye iki giteramo. Abitavye iki giteramo ntibari basanzwe. Baririmba, bagatamba kumwe natwe, vyari akaroruhore. Ikindi naco candengeye n’ukuntu Ganadores batamvye, uko abacuraranzi bavugije, abo twaririmbanye baririmvye bakanatamba…vyarengeye uko nabiziga turi mu myiteguro. Eka, ndabuze n’ico nokwongerako”. Iryo sohorwa rya “Nampenda”(Ndamukunda) ryakiriwe neza cane n’abitavye ico kirori. “Ntivyari ibisanwe”, uko niko bamwe mubo twayaze bavuze kurico giteramo.

JPEG - 61.4 ko
Umurwi wabatamvyi ’’Ganadores’’

Mwomenya ko igurishwa ry’urwo rukurikirane rw’indirimbo indwi rizotangura mu ndwi zibiri ziri i mbere. Hakaba hazosohoka icarimwe indirimbo zo kwumviriza (audio) n’amasanamu yazo(video). Ibizoba bibaye irya mbere i Bujumbura, aho urukurikirane rusohokera umunsi umwe mu indirimbo zo kwumviriza n’amasanamu yazo.


Luc-Noel INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.