Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isozerwa ry’ihayanishwa ry’ibijanye n’ubuhinga bwa none i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Isozerwa ry’ihayanishwa ry’ibijanye n’ubuhinga bwa none i Bujumbura

Isozerwa ry’ihayanishwa ry’ibijanye n’ubuhinga bwa none i Bujumbura

mardi 8 Gitugutu 2013

Ihayanishwa ry’ibijanye n’ubuhinga bwa none ryayi rimaze indwi ribera i Bujumbura ryaraye risozerewe ku mugoroba w’uyu wa mbere. Ibirori vyo gusozera iryo hayanishwa bikaba vyatewe iteka n’uwusahiriza umushikiranganji w’itumatumanako amakuru hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka. Vyasozerewe n’itangwa ry’impapuro zerekana amashirahamwe yitavye iryo hayanishwa.

JPEG - 55.4 ko
Evode Ndayizigiye

Ihayanishwa ry’ibijanye n’ubuhinga bwa none ryari rimaze indwi ribera mu gisagara ca Bujumbura ryaraye risozerewe. Ryasozerewe ku mugoroba w’uyu wa mbere. Evode Ndayiziiye, uwusahiriza umushikiranganji w’itumatumanako amakuru hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka yari yitavye ivyo birori. Uwo yaserukiye ubushikiranganji akukira, mw’ijambo yashikirije, Evode Ndayizigiye yarashimiye cane abiyumviriye bongera bararangura iryo hayanishwa. Ku bwiwe, ubuhinga bwerekanywe muri iryo hayanishwa bwose ntibwari buzwi ko buriho mu Burundi. Yarashimiye na none amashirahamwe yose yitavye iryo hayanishwa. Akaba yaranasavye ko ubutaha amashirahamwe atashoboye kwitaba iryo hayanishwa yo kwitaba kugira uburyo bwa none butezwe imbere ndetse bunahurumbirwe. Aha yarahamagariye nk’amabanki n’amazu yo gushumbusha abahuye n’impanuka ko yokwitaba ihayanishwa ry’umwaka uza. Mu nyuma y’iryo jambo hakaba haratanzwe impapuro zemeza amashirahamwe yitavye ihayanishwa ry’uyu mwaka.

JPEG - 54.2 ko
Roger Ouedraogo, umuyobozi w’ishirahamwe Glice Burundi

Roger Ouedraogo yafashe ijambo kw’izina ry’abiyumviriye bongera baratunganya iryo hayanishwa yarashimye uko ihayanishwa ryagenze. Yarashimiye cane ubushikiranganji bwabafashe mu mugongo kuva mu ntango ry’umugambi wo kurangura ico gikorwa co gutunganya ihayanishwa. Ouedraogo yarashimiye cane amashirahamwe yitavye ihayanishwa ry’ubuhinga bwa none ry’uyu mwaka. Menshi akaba yitavye ubutumire bahawe ataco arinze no kubaza. Ivyo bikaba vyarashimishije cane abatunganije iryo hayanishwa. Yarashimiye ababashigikiye bose. Roger Ouedraogo, umuyobozi w’ishirahamwe Glice Burundi, yaramenyesheje ko mu mwaka uza hazoba hari ibishasha mw’ihayanishwa ry’ubuhinga bwa none. Nk’uko yabimenyesheje, hazotangwa ubushimwe ku mashirahamwe azoba yarushije ayandi mu kuzana ubuhinga bwa none bwiza cane.

Twokwibutsa ko iryo hayanishwa ry’ivyerekeye ubuhinga bwa none ryari ryatanguye igenekerezo rya mbere ry’uku kwezi kwa Gitugutu. Rikaba ryabaye ihayanishwa rya mbere ribaye mu Burundi mu vyerekeye ubuhinga bwa none. Ryatunganijwe n’amashirahamwe abiri ariyo: Academia Network hamwe na Glice Burundi.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.