Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isozerwa ry’ uruganda rwo guteza imbere ubushakashatsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Isozerwa ry’ uruganda rwo guteza imbere ubushakashatsi

Isozerwa ry’ uruganda rwo guteza imbere ubushakashatsi

mercredi 29 Rusama 2013

Kuri uno munsi igenekerezo rya 29 rusama umwaka 2013, niho haba ibirori vyo gusozera uruganda rwari rumaze iminsi ibiri, rwari rwateguwe n’ubushikiranganji bw’’ubushakashatsi n’ínyigisho za kaminuza mu kigo ca kaminuza y’uburundi muri CELAB.Urwo ruganda rukaba rwari rufise intumbero yo guteza imbere ubushakashatsi n’ubuhinga.

abari barongoye inyigisho

Kuri uno munsi wa gatatu hakaba habandanije kwerekanwa ibikorwa vyakozwe n’abamwe twita abadogiteri mu bisata bimwe bimwe. Inyuma y’umutaga niho haciye hatangura ibikorwa vyo kuja mu mirwi bamwe bose mu bisata bakozeko, aho rero kaciye kaba akaryo ko ko kwigira hamwe no guhanahana ivyiyumviro kucokorwa kugira ivyo vyigwa biba vyarakozwe n’abo bashakashatsi bishobore kuja mu ngiro .

Ikindi bigiye hamwe n’icokorwa ku vyerekeye gushigikira ivyo bikorwa vy’ubushakashatsi mu vyerekeye uburyo. Mu vyashoboye kuvugirwa muri iyo mirwi mu vyokorwa vyasabwe, n’uko hobaho nko mu biro bikuru bijejwe ubushakashatsi muri kaminuza y’ Uburundi urubuga ngurukanabumenyi rwerekana ivyigwa biba vyarakozwe n’abo bahinga, harakenewe kandi ko umwuga w’ubushakashatsi wokwemerwa no mu Burundi nk’igihugu kizwi.

Bamenyesha kandi ko bwoba ari uburyo bugenewe ibikorwa vy’’ubushakashatsi bwokwongerezwa, kuko ngo na kenshi iyo umuntu akoze igikorwa c’ubushakashatsi usanga ico gikorwa cugurura imiryango ku bindi bintu bitegerezwa kugirwako icirwa.
Ibindi mu vyasabwe mu mirwi ngo n’ uko hoba ukuja hamwe kw’ibigo vyose bikora ubushakashatsi n’ubuhinga kikaba ikigo kimwe gishira hamwe ibikorwa vyose vy’ubushakashatsi kandi iyo nyubakwa ikaba ifise ibikoresho bikwiye. Aho rero n’umwe wese mu bakoze ibikorwa vy’ubushakashatasi yashikirije mu murwi ivyo asaba mu vyerekeye igikorwa yakoze.

Urwo ruganda rwagiye gusozerwa n’íjambo ry uwaserukiye umushikiranganji Yozefu Butore aho rero akaba mw’íjambo ryiwe yashimiye abitavye urwo ruganda.Yongeye aranavuga ko bagiye kwiga ivyo vyasabwe aca ahamagarira abo vyerekeye bose gushigikira ubushakashatsi n’ubuhinga na kare ubugirigiri bugira babiri.Yongeye aranashimira Leta y Uburundi yemeye gutanga uburyo kugira urwo ruganda rube.
Ivyo bikorwa bikaba vyarangiye mu kanyamuneza n’icizere ko ubushakashatsi bugiye guhabwa ikibanza gikwiye mu Burundi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.