Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 5 Rusama
Itarike 5 Rusama
lundi 5 Rusama 2014
Igenekerezo rya 5 Rusama ni umunsi wa 125 w’umwaka w’2014. Hasigaye iminsi 240 ngo urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1824: Abongereza bafata igisagara ca Rangoon, umurwa mukuru wa Birimaniya.
1895: Ikinyamakuru New York World gisohora inomero yanditse mu mabara menshi. Kare bahora basohora mu mabara 2, iryera n’iryirabura.
1921: Coco Chanel asohora inomero yiwe ya gatanu: “Chanel”.

- Coco Chanel
1930: Abahindi b’abongereza bahagarika Mahatma Gandhi mu gisagara ca Bombay.
2002: Jacques Chirac atsinda amatora y’umukuru w’igihugu ku majwi 82,21 kw’100. Aho yariko ahiganwa na Jen-Marie Le Pen.

- Jacques Chirac
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1800: Louis Hachette, umufaransa yasohora ibitabo.
1818 : Karl Marx, umuhinga muri philosophie, mu vyirwa vya Theorojiya hamwe n’ubutunzi. Yari n’umunyaporitika w’umudagi.

- Karl Marx
1986: Maitre Gims, umuririmvyi w’umufaransa.

- Maitre Gims
1989: Chris Brown, umuririmvyi w’umunyamerika.

- Chris Brown
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu w’abakirizi.
. Umunsi mpuzamakungu wo gutwenga.
INGABIRE Luc-Noël