IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jabe:Abanyagihugu basaba kwugururirwa n’igipolisi inzara itaratangura (...)

Jabe:Abanyagihugu basaba kwugururirwa n’igipolisi inzara itaratangura kubahitana

jeudi 3 Nyakanga 2015

Abanyagihugu bo muri quartier ya Jabe iri muri komine ya Muha,hagati mu gisagara ca Bujumbura basaba kurekurirwa uburenganzira bwo gusohoka iyo quartier kugira baje kurondera ivyo gutunga imiryango yabo.

Inyuma y’amasase na grenade vyumvikanye muri quartier ya Jabe mw’ijoro ryo kuwa kabiri igenekerezo rya 1 Nyakanga 2015,igipolisi caciye cugara amabarabara yose yinjira muri iyo quartier,nta muntu asohoka canke ngo yinjire.

Abanyagihugu baba muri iyo quartier bavuga ko,iyo minsi iheze iyo quartier icunzwe n’abapolisi,ariyo minsi nyene bamaze bataja ku mirimo yabo.Bavuga ko baba abanyeshuri canke abakozi ba Reta canke abikorera ivyabo inzara iri mu kubica n’imiryango yabo.

Abo banyagihugu basaba ko igipolisi cobaha inzira bakaja mu masoko kurondera ibifungurwa kuko abana babo bashobora kwicwa n’inzara mu gihe hari abamaze iminsi ibiri badafunguye.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye avuga ko igipolisi kiriko gikora igikorwa caco,agasaba abanyagihugu kuvuga ahinyegeje inkozi z’ikibi kugira ubuzima bubandanye.

Mwomenya ko aho muri quartier ya Jabe,hari abantu batatu bahagaritswe inyuma y’igikorwa co gusaka cabaye mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 3 Nyakanga 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Uyo Muvugizi W’ Igipolisi Ateye Isoni Kandi Ateza Iso Urwego Avugira N’ Aho Gwari Rusanzwe Ruteye Isoni. None Igipolisi Ntabuhinga Kizi Bwo Kurondera Inkozi Z’ Ikibi Kitajaniranije N’ Intungane? Zirya Nzoya Zugaraniweyo Zirazi Inkozi Z’ Ikibi? N’ Akamaramaza.

  • non bamw barashobora kuja mugikoran cho gushimir Imana Bagasiga Bugaraniy Abandi Mumazu Atakibatunga Kirimwo? Bazohava Bagaruka Bahasang Imivyimba Mb Bizoshika Baririr Abo Rugiravyos Yakiriy Igihe Cabo Kitari Bwager?

  • BIRAGOYE KWELI!NONE AHO GA YEMWE,PETER NTIYOVAKO.AGATANGAMAHORO?NTABONAKWIKIRINGO CIWE CATEYE IMIKOSHI,MUGIHUGU?

  • BIRAGOYE KWELI!NONE AHO GA YEMWE,PETER NTIYOVAKO.AGATANGAMAHORO?NTABONAKWIKIRINGO CIWE CATEYE IMIKOSHI,MUGIHUGU?

  • Igihe bafunga imihanda batwika abantu ngo bari mumigumuko.ko.batotatse iyo nzara baramaze amezi!? Police nirondere inkozi za amabi izivane mubantu!!

  • sha nkurukiye ivyugira urumenye yuko biri kugatwekawe nyamba urondera ubu general sukwicisha inzar abene gihugu kuberinda yawe?

  • Ijambo Ry’imana Rivuga Riti: Ic’udashaka Ko Bagukorera Ntukagikorer’abandi.Kubuz’uburenganzira Abandi Bwo Kwinjira No Gusohoka Muri Quartier Siyo Nyishu! Reka Bidegemvye.

  • ntimubatezurire izonyanka Burundi ahubwo mubadugane kuri stade tweho Buyoya ntiyadukuy mukamenge akatujana kukibuga hagaruts imparurwa police ntimubah angahngwe.

  • ibi nivyo vyaburaga ngo inkozi zikibi ziboneke n’ivyo birwanisho banyegeje babitange. police nikomeze akazi kayo,maze ijo bazatange akanya abana n’abagore basohoke bonyine,barebe aho babashira,apres 10jours abandi basohoke,hanyuma uzosigara azaba yiyemeje urusasu. bazasake inzu kuyindi ntaguvyinyata. iyo systeme niyo ahantu hose bakoresha iyo umwanzi yagoranye kandi yinyegeje mubanyagihugu nacanecane mubisagara.

  • Ako gace karageamiwe niiyo migwi yitwaje ibigwanisho bwabundi ntibagira ubwenke bagiye kugwanira mumazu yabo ntibaribazi ko atari mwishamba binyegeze yo bapfire yo barabarahiriye basha ko ata kiroberi ca batutsi muzoshobora mutama Nyangoma nakomeze kubashuka yibere iburaya namwe mukomeze mu wote nako nakaryo keza yakoresheje ko kubakuramwo kamwe kamwe azogishikire mwaragabanutse harya uwutamba namukeba ntaryama Nyangoma we arabizi ko uburundi butazoronka amahoro aboyagwanya 1993 bagihema. Kandi sibanga arazineza ivyabaye Ku Rwanda na P. Bizimungu ayobakorewe ntagukina nihwa ntiribora.

  • Barabesha nta nzara iriko irabica,uwokwishinga ububeshi bw’abatutsi yogwa kure,ni abantu b’akarimi karekare ,nibatange izo nkoho nyabuna,ivyo bari bagize stock muri manifestations zo kumara abahutu aka kanya vyaraheze?Bwira maggy na pacifique na vitalina mbonimpa babibazanire,ubwo burya hari uwoba agihendwa n’amajambo yabo,mwagomvye kwigira amazirantoke,ariko ako kanyaro kazoteba gahere.

  • Erega jewe Peter nshaka ko mwicwa ninzara mpaka muhwere hahahha

  • sha akarimi kavuga inangore karagororka mbe aho muvuga ko ataki robel c’abatutsi kizobaho mwabikuye h? abahutu nsanz mutagira ubweng namba.
    mbe kuva aho mwabagiye inka n’impene mwarazimaz? menya ko na farao atamaz ab’islael

  • Ndanegura caaane abantu bagifise agatima kamacakubiri ngo Hutu,Tutsi.. Kebanuka muve ibuzimu muje ibuntu!

  • Abatutsi batinya inzara kubi kuko inda zabo ari plastique niyo bariye ntibahaga. Nibaterekana abana babo bafite ibirwanisho mubarohemo urusoro bomoke umugi uturwe n’abandi.

  • Muri mumigumuko KO mutumva izara???? Hahahaha

  • @kariyo
    Wewe uracabaza ivyo intungane n’inkozi z’ikibi,aho ico gipolisi ubona cabagize iki?Ubwo buhinga ntiturabwiga pour l’instant on se contente des moyens de bord et vous aussi les tutsis nimubumenye mubumenyere mwongere mubukunde.

    @baravuga samu
    Ushaka peter ahave ajahe,uri ikirosi kabisa,iyo mikoshi i burundi yatewe yongera isigwa n’abahima b’i bururri ce n’est pas pour rien babakumira ku kirimba ngo batera imikoshi za nka.Imikoshi ronderera muri mwebwe.

    @atrick
    Ijambo ry’imana ne dit rien du tout,nimba rifise ico rivuga,abaturiye wa muhutu mu nyakabiga be no muyandi ma quartiers yanyu,bishikane.

  • BENEWACU BASHIKIBACU BAVYEYIBACU ENDANIMUZE TUVE IBUZIMU TUJIBUNTU NTITWIBAGIRE KO ATARETSE KAGASEMA KANDI UWUNKAGAKURA AGA UMUTAVU NTAMURUNDI NUMWE ATABONYE KWABANYE PORTIQUE BADUHENZE MUKUTURONDE HAGEZE AMAGABURANYAMA REKAMBAHE UBURORERO BWOGUHERA MURIKAHISE 1UWARONDERA INEZA YABARUNDI NTIYAGANDAGUWE NABARUNDI BARICUDITSE NABABIRIGI AZIRA KWATAVANGURA ABARUNDI,2,1972NTIBONGEYE KUTUVANGURA BAMWE BAKANGAZWA NUBU BABUZE UMUTIMAWOKUGARUKA MUGIHU AHOSINVUZE19963GUSHIKA 1965,3MUMI93,MUMI88 GUSHIKA MURI2004 NTIMWABONYE IVYABAYE? ANDI NTIMURIKO MURAVYUNVA?NIMUREKE KUMARANARERO TWABONYE KWABASI BABARUNDI KWARAKAGWIKAMYE KANYOTEWE UBUTEGETSI GACUDITSE NABAZUNGU KANDI NABO INGORANE ARUMURENGERA NKOMUBURIGI ABAWARO NAFALAMA BADACANUWAKA NAHANDI BAFISE INGORANE ZITANDUKANYE,NIMUSUBIZE IBIGWANISHO MUZE TWUBAKA IGIHUGUCACU BAMUNOHO BAMARONKO BAMARAMARE KUVUGAMESHI SIKO KUYAMARA BIBWIGWABESHI BIKUNVA BENEVYO.

  • ndavye ivyo benshi mwanditse mwuzuye umutima wubwicanyi ariko imana izoca urubanza umwe wese kugatwe kiwe mbe mwibaza ko kwifuriza mwenewanyu kwicwa ari vyo bica biba mana hirundura imitima yabantu bawe

  • Turabaramukije amahoro y’Imana jewe iciyumviro noshikiriza nuko abajejwe umutekano boraba ntihagire abantu bampfa bahitanwe ninzara ahubwo bosaka izonkozizibibi kugira ntihagire abantu bapfa bazira ubusa yarayo murakoze

  • vyukuri ndumiwe nibiri mumitwe yabantu aho nabifata nkidashoboka mbega niryari tuzomenya abansi bacu? ncuti mwenedata umwansi wawe si umututsi canke umuhutu ariko nuwo wese azogutandukanya nincuti mfamfe akakwereka ko ari umwansi wawe nukuri iki cari igihe cokuva muvyakera tukavyibagira tukubaka ubumwe hagati yacu ndetse nurukundo rutavanze tukicuza benewacu twabuze twimariye ntampamvu yogusubiranamwo kuko atanyungu birimwo murundi wese aho uri ingo dusubire twubake ubumwe hagati yacu tuneshe uwo mwansi ashaka kudusubiza inyuma. ari umututsi, ari umuhutu,ari umutwa tweeeese turi bamwe.

  • @Marc
    Reka kuvuga menshi,abo ni abatutsi bahaguruka hageze kurya,ni bakavyinabushushe,izo mpanuro uduha n’ukuri turazanse Peter yagumanye n’abanyagihugu kuva atanguye gutegeka,rero numa kabisa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.