Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jagwar yashitse i Bujumbura mu giteramo c’igice ca nyuma ca PRIMUSIC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Jagwar yashitse i Bujumbura mu giteramo c’igice ca nyuma ca PRIMUSIC

Jagwar yashitse i Bujumbura mu giteramo c’igice ca nyuma ca PRIMUSIC

vendredi 13 Nyakanga 2013

Ishirahamwe Brarudi ari naryo ritegura ihiganwa rya Primusic ryahahe ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubereka umushitsi muhire, umuririmvyi Jagwar benshi bazi mu ruririmbo "KIGEUGEU" yaje ava mu gihugu ca Kenya, yitavye igiteramo c’igice ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic kizoba ku munsi w’ejo kuwa gatandatu.

JPEG - 33.6 ko
Umuririmvyi JAGWAR wo mu gihugu ca Kenya

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, Jagwar yavuze ko ashimira Brarudi imuzanye guteramisha abarundi kandi amenyesha ko yiteguye ku buryo azerekana ko ashitse ku ntambwe ishimishije mu muziki wiwe, ari nayo mvo yatumye Brarudi yiyumvira kumuhamagara mu baririmvyi benshi bagezweho.

Jagwar yabajijwe ku bijanye n’ingene indirimbo z’abarundi azibona, mbere n’abaririmvyi b’abarundi yoba azi, avuga ko biciye ku mboneshakure Citzen yerekana indirimbo zo muri afrika y’ubuseruko vyatumye n’indirimbo z’abarundi zimenyekana cane muri Tanzaniya.

Ikindi akavuga, n’uko bamwe mu baririmvyi b’abarundi azi cane ko nka Kidumu, Big Fizzo, Lolilo na Happy Famba kuko banafitaniye isang ryo gukorana nawe indirimbo.

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, bibukije ko igiteramo c’ejo kizoremeshwa n’abaririmvyi nka Jagwar, Big Fizzo, Steven Sogo, Lolilo, Mkombozi, Frank Génération 80, Sat –b na Rally Joe. Ico giteramo c’igice ca nyuma ca Primusic kikazobera ku kibuga ca Lycée Nyakabiga kuva kw’isaha umunani zo ku murango. Ku bakunzi b’umuziki mu Burundi, ejo inkoko niyo ngoma, bazomenya umwe muri batandatu bahiganwa azoshobora gutahukana agashimwe k’imiliyoni cumi na zitanu, muri iryo higanwa ryama ritegurwa n’ishirahamwe BRARUDI uko umwaka utashe.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.