Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jay Polly, Belgine na Kanyombya i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Jay Polly, Belgine na Kanyombya i Bujumbura

Jay Polly, Belgine na Kanyombya i Bujumbura

samedi 6 Mukakaro 2013

Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu umuririmvyi Jay Polly na mugenziwe Belgine Bizimana baraye mu gihugu c’Uburundi, aho baje guteramisha abarundi kuri uyu wa gatandatu. Abo bacurarabzi rero ntibaje bonyene, kuko bari kumumwe na Kanyombya azwi cane mu gukina amareresi.

Abo baririmvyi bagishika mu Burundi, bayagiye ikinyamakuru IGIHE ko banezerewe cane n’ingene bakiriwe nk’uko buri wese yabivuze muri aya majambo. Jay Polly ati: « Jewe ndanezerewe cane kubona uburyo abarundi batwakiranye urukundo tugishika ku rubibe rw’Urwanda n’Uburundi ». Ikindi congereje umunezero wiwe n’uko ari ubwa mbere nkandagije ikirenge canje aha mu gisagara ca Bujumbura, nabonye ari ahantu heza kandi n’abaho barazi kwakira abashitsi rwose.

Belgine nawe ati:« Abarundi ni abantu beza cane ukuntu batanguye kutwereka umunezero tukirengana urubibe rwa Kanyaru, kandi inzego z’umutekano zikaba zatubaye hafi na cane cane ko abantu bose bari bashaka kuturaba kubera kutunezererwa, kuko bamwe mubakunzi banje bumva indirimbo zanje batanzi bashaka kunyambura umugufu nambaye kubera umunezero.»
Nayo Kanyombya we yagize ati:« Natangaye cane kuko narinzi ko abarundi banyibagiye kuko hari haheze imyaka myinshi ntahakandagiza ikirerenge canje, nabonye ukwo haba abana canke banyina baje kunsanganira, maze ca mfata ingingo yo kuzohakorera ishirwa ku mugaragaro ry’ireresi yanje iri mu gusohoka mu ndwi zibiri ikazoba yitwa” Bwenge na guhenze Kibuye naguhuye”.

Abo baririmvyi bose co kimwe na Kanyombya umukinyi w’amareresi, bavuga ko bakiriwe neza cane. Ikindi bashima n’ukuntu bakiriwe aho bashikiye muri Ego Hotel. Bavuga ko bagiye guhora baraza gukorera ibiteramo vyabo mu gihugu c’Uburundi.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.