IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jean Baptiste BAGAZA yitavye Imana : Ivyaranze ubuzima hamwe n’ubutegetsi (...)

Jean Baptiste BAGAZA yitavye Imana : Ivyaranze ubuzima hamwe n’ubutegetsi vyiwe

mercredi 4 Rusama 2016, par egide

Jean Baptiste Bagaza yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi yitavye Imana mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, inyuma y’iminsi yari amaze arwariye mu bitaro vyitiriwe umweranda Elisabeth biri mu gisagara ca Bruxelles, mu Bubirigi. Colonel Jean Baptiste BAGAZA asezeye isi ku myaka 69.

Jean Baptiste BAGAZA yavutse mu mwaka w’1946, akaba yafashe ubutegetsi kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo 1976 akomboye Michel Micombero yari umukuru w’igihugu wa mbere yafashe ubutegetsi asenyuye ubutegetsi bwa cami mu mwaka wa 1966.

Iyo ntwazangabo mu gisirikare akaba yarigeze kuba icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto, imbere y’uko afata ubutegetsi, akaba yize ivyigwa vya kaminuza n’igisirikare muri Ecole Royale Militaire de Bruxelles mu gihugu c’Ububirigi.

Jean Baptiste BAGAZA yaciye aguma ku butegetsi gushika mu mwaka w’1987, aho nawe ubutegetsi bwiwe bwasenyurwa, mu gihe yari mu rugendo rw’akazi mu gihugu ca Canada.

Uwo yari umukenguzamakeka w’Uburundi, ni umututsi avuka mu ntara ya Bururi. Muri kahise k’Uburundi n’abarundi mu butandukane bwabo, Jean Baptiste BAGAZA azwi nk’uwaranguye ibikorwa vyinshi n’ubu Abarundi bakigenderako, haba mu bijanye n’inyubako hamwe n’indero. Akigoro kiwe katumye ibitigiri vy’abana baja kw’ishure mu mashuri y’intango biva ku bice 19 bishika ku bice 85 kw’ijana hagati y’umwaka wa 1976 na 1986, nkuko ibiharuro vyo mw’ibanki y’isi yose vyo mu mwaka wa 1987 bivyerekana.

Inyubako nyinshi zibonekeza nk’amabarabara, ingomero z’umuyagankuba, amavomo, ibitaro, amavuriro, amashuri, amatonorero y’ikawa, amashirahamwe yo gutumatumanako n’ibindi vyubatswe ku ntwaro ya Jean Baptiste Bagaza.

Hagati y’imyaka ya 1976 na 1987, umwimbu w’ikawa warongerekanye ku ncuro zishika kuri zine bivuye ku gikorwa co gusubiriza ibiti vy’ikawa bishaje cakozwe ku ntwaro y’uwo mukuru w’igihugu yitavye Imana.

Jean Baptiste BAGAZA akaba yashira imbere cane iciyumviro co kuziganya mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi bw’igihugu, ari naco catumye ashiraho itegeko ko umuntu wese ategerezwa kuziganya. Iyo poritike y’iterambere muvy’ubutunzi ikaba yari ishigikiwe n’ibanki y’isi yose, ibihugu vy’iburaya, Ubushinwa hamwe n’ibihugu vy’abarabu.

Igikorwa atashitseko neza ku butegetsi bwiwe, cari igikorwa co kwegeraniriza abantu mu bigwati no kuja mu makoperative, kuko ufatiye ku mico y’Abarundi ico gihe, ntibabitahura.

Mu bijanye na poritike, naho nyene indyane z’amoko hagati y’abahutu n’abatutsi asa nuko yazihoreye ku ntwaro yiwe, ntaworeka kuvuga ukutumvikana kwabaye hagati yiwe na ekereziya Gatorika. Ku ntwaro yiwe, zimwe mu mpunzi z’abahutu zari zahunze ubwicanyi bwo muri 1972 zaratahutse mu gihugu.

Mu bijanye n’imigenderanire, Jean Baptiste Bagaza yakoresheje Poritike yo gukorana cane n’abafasha muvy’ubutunzi.

Mu mwaka w’1987, inyuma y’aho akuriwe ku butegetsi na Major Pierre Buyoya, Colonel Jean Baptiste BAGAZA yaciye ahunga. Yahungutse inyuma y’amatora yatsinzwe na Ndadaye Melchior, umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu mu Burundi, n’aho atagize amahirwe y’ukurongora Uburundi mu kiringo yari yatirewe, kuko yaciye agandagurwa.

Mu ntumbero y’ukubandanya ibikorwa vya poritike, Jean Baptiste BAGAZA yaciye ashinga umugambwe PARENA, akaba asezeye isi akiri umukenguzamateka, uburenganzira butangwa n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ku muntu wese yabaye umukuru w’igihugu.

IGIHE

Messages

  • Uburundi burabuze intwari yakoze vyinshi kugihugu.
    Imana imwakire

  • Imanimwakire mubuzima bwiza yarakoze ivyubu, anko kandi n ibindi bitagenze neza birahari nkabanyeshure babahutu ntibiga ngobashike mumashure yisumbuye, ntamuhutu yinjira mugisirikare. Urumva rero nivyinshi vyiza na bibi tuzomwibukikirako.

  • Ngo bagaza nintwali ?? mubiki ??? umwicanyi wamaze abarundi muli 72 niwe muvuga ko alintwali ?? BIG NO AND NO !!! mujye muravuga ukuli ntamana yomwakira uyu nuwa SATANI

  • AKOMWEBWE MURABESHA CANE BAGAZA NIMUZIMA NKEKA AGARUKA URAZI INCABWENGE ZA BAHUTU YISHE ??.NIMUMUZANE ABANZE ATUBARIRE AHOYAHAVYE ABAHUTU MUBINOGO VYIBUJUMBURA NAHANDI MUGIGU HOSE

  • Imana imwakire mubwami bwayo kuvyurupfu rwiwe nibazako hashobora kuba harimwo nagahinda yatewe namabi pastor nkurunziza ariko arakorera abarundi mugihe wewe atigeze akorera ibibi nkivyo abarundi agitwara

  • Ntakund,umuryango Niwihangane Bishikira Bose Kandi Twese Tuzopfa,gupfa n’ugutabura Ibabi,urupfu Niryo Rembo Ry’ijuru.

  • Niyigitre amarembe ntiysdutej urubewa

  • Bagaza Yishwe ninshinge zogusinzira zumurengera y atewe nawamuhabara wiwe bahora babana kugira ng amusahure ubu tu ngane nibukorere kururya muhabara wiwe niw azi icishe bagaza

  • Yarintwari Imana nimwakire adusigiy iragi ryiza

  • Nagende Arakagenda Ntaciza Yigeze Abonekwako. Umuntu Yigeze Kwugara Amasengero Araronka Ico Avuga Imbere Y’IMANA ?ntawubizi

  • Ico mwibagiye muvyo yaranguye kuntwaro yiwe, namabarabara yamakaburimbo. None apfuye yisaziye ageze muzabukuru.

  • Bagaza yari umuntu wumugabo, yagomba guhindura uburundi Suisse d’Afrique. Uburundi cari igihugu ciza kuburyo bwose. Buyoya yaracononye wogirango hari ico yapfa nuburundi. Uburundi ubu bushitse aho umwansi ashaka, ariko jewe vyose ndabishira kugatwe ka buyoya. Il a accepte d’etre precede par des incompetent. Uburundi Imana izobumubaza

  • Nagende Gusa Yarigez Kwugara Amasengero Sinzi Kw’IMANA imwakir nimba atihanye.

  • Ikibabaje cane nuko ababakoze ikibi muri kahise k’iburundi, biyemeje gupfa ataco bavuze kubijanye n’ihonyabwoko bakoreye abahutu kuva muri 1965. N’ukuvugako Bagaza atwaye secret mu kuzimu hako yari kuvugisha ukuri kugira ngo Uburundi buve mukaga, apfuye adasavye ikigongwe abarundi kw’ihonyabwoko yakoze muri 1972 mugabo ntaco azakuvyishura imbere ya Elohim.

  • Nagende Hama Asigurir Imana Icatumye Yugara Amasengero Agitwara. Niba Yarihanye Naho Imuhe Icicaro Mubwami Bwayo!!

  • Abarundi bintwari barahez .uburundi bwejo buzioba bumez gte?imana imwakire

  • ntamugabo.tuzosubira kuronkankunomutama uburundiburahomvye atari.kurumbi.agumayi cabasoda.nabanyagihu gu.ntabonivyabandibako ze.naveho?nkurumbi

  • IMANA,IMWAKIRE,MUBWAMI,BWAYO,KUKO,YAKOZE,IVYIZA,GUSA,IVYOTURINZE,TUMUSHIMIRA,NIMANA,YARAMUSHIMIYE,TURAVYIBAZA,UBONA,ABANDI,BA,TURONGOYE,BOKORA,NKUKOYAKOZE,IGIHUGU,COGARUKA,UBUSHASHA,UBU,NUKWIZERA,IMANA,GUSA,

  • Ntakundi Yihangane Akaba Yapfuy Yihany Imana Imwakire Ibisigaye Nibaz Ko Yozohambwa Muburundi Kuko Yakorey Vyishi Uburundi

  • IMANA,IMWAKIRE,MUBWAMI,BWAYO,KUKO,YAKOZE,IVYIZA,GUSA,IVYOTURINZE,TUMUSHIMIRA,NIMANA,YARAMUSHIMIYE,TURAVYIBAZA,UBONA,ABANDI,BA,TURONGOYE,BOKORA,NKUKOYAKOZE,IGIHUGU,COGARUKA,UBUSHASHA,UBU,NUKWIZERA,IMANA,GUSA,

  • letaniyubake,icibutso.itaravy’ubwokocank’umugambwekukontacahatumubonako.

  • Ndiyumvira ko mwibagiye, ko muriyo myaka ya Bagaza, u Burundi bwashobora kurungika aba coopérants batagira igitigiri, gufasha ayandi makungu; kuko uBURUNDI bwari bwararonse incabwenge nyishi gose. Eka na ONU yarabaronse b-invukira z’uBURUNDI.
    Kandi ntitwibagire ko uwo mushingantahe ariwe wamiriye kure ubugeregwa.

  • letaniyubakicibutsocuwomutegetsi.ntirabubwokocankumugambweyaranzwenugutezimberigihugu,kukontabwokocankumugambweyigezatoteza

  • indeed, you were good leader,your leadership was incomparable. Be RIP!

  • chaque dictateur a les amis et les enemis.
    les hutus ont suffert et c’etait l’aparteid contre eux te les tutsis etaient au paradis surtout ceux de bururi.
    D’apres tout le passe et le passe c’est notre frere que Dieu le pardonne et QUE CE SOIT LE SIGN DE L’UNITY HUTU-TUTSI.
    Tout person fort du burundi ou rwanda ou je ne sait pas partira un jour .
    ce qui est important est celui qui garde l’unite des peuples de Dieu.
    la politique ne peut rien faire a ce moment

  • Hapfe Intore kabisa! Que Dieu l’acceuille dans son Royaume! Nous aurons toujours beau a temoigner de ce Grand-Homme! Ikosa yakoze rirababarirwa, umuntu agira intege nke ziwe, ariko ivyo ntiyobihorwa, kanatsinda natwe ntituri beranda, kandi mbona n’ubu ataco turakora kiboneka gusumba ivyo yakoze! Niyiruhukire mu Mahoro, Imana izomuhemba ibikwiranye n’ivyo yakoreye igihugu! Kandi twese tuzociribwa urubanza kumugaragaro, none tuzorabe, bamwe bibwira ko basenga kurusha abandi,impera bahabwa bakuye mu kunywa amaraso y’abandi!

  • Ntakundi Jewe Kubwanje Ndihanganisha Umuryango Wiwe Ni Ncuti Ziwe Kandi Nkihanganisha N’iguhugu Cacu Kuko Tubuze Intwari Umugabo Wijunja Ni Jambo.

  • Imana imwakire.Ese nabandi bokora nkuko yakoze ibibi bovugwako bikaba bike kuvyiza bovugwako Canke ntihagire ikibi nakimwe Abarundi twobibukirako

  • ikosa rikomeye uyu Mutama yakoze ni ukudacyura impunzi z’abahutu ikindi intwaro ye yariyubwoko bumwe,ivyo nivyo vyadukwegeye muri ano mosozi turimo uno munsi. yubatse amazu yibagira kubaka imitima.

  • umuryango wiwe wihangane unezerw niyaba adapfiriye muvyaha!

  • Uwo Avuze Ko Yishe Bangahe Abazihe?

  • Tunapaswa kujua kuwa Duniani sisi ni wapitaji; taswira hii inaonyesha kuwa ni bora ukiwa hai utengeneze record nzuri itakayokuletea heshima kabla ya kifo na baada ya kifo, ndipo naona kuna sababu warundi kurudi pamoja wapendane kupitia huyu ndg Bagaza kwa kifo chake waweze kurudi pamoja na kupendana. Mwanadamu ni mavumbi na mavumbini tutarudi,Bwana alitoa na Bwana ametwaa jina lake libarikiwe! Cheers. Keep hope in Afrika"

  • That is life! If we all knew that we will pass away one day;we would strive for the betterment of the country.

  • Iman’imwakire imushre mubwami bwayo kuko yakoze vyinsh ndanasabiye n’abandi kobomwigana kunyifato nyiza yagendeyeko

  • Commine Na Province Jean Batiste Bagaza Yavukamwo.

  • Napfe Hari Hageze.Niba Atitunganije Nagende Arihe Canke Yishure Ivyo Yakoze.Nubwo Harimwo Vyiza Nibibi Yarabikoze.Mubo Yishe Mu72 Harimwo Data Wacuuu! Kwugara Amasengero Navyo Ntivyari Vyiza.Ikibabaje Nuko Un Vieuillard Africain Qui Meurt C’est Coe Une Bibliothèque Qui Brûle!Amatohoza Kumabi Yuguhonya Ubwoko Bumwe Azovurwa Nabande?Mbega SVR Izoteba Imenya Ukuri?Nagira Ndabavunire Akagohe Barabe Abasigaye Bazi Ukuri Kuvyabaye Bavyibikire.

  • Nanjendamusabiyubwamibwijuru.

  • imana ize imwakire mubiganza vyayo!Yarumugabo

  • Abahutu baribarahunze kubera genucide bakorerwa 1972 kuntwaro ya Bagaza baratahutse.
    Ivyonivyo ariko ndatangazwa nukuntu ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritaremeza ko abahutu biburundi iyicwaryabo ryari genucide!!!

    Ariko nobaza mbega tuvuze kwabahutu bakorewe genucide bicwa nabatutsi mbega ababatutsi tubanye mugihugu wosangamwo bangahe bagize uruhara mugukorera genucide abahutu? Jewe novugako arumwe nikimanyu kukonabo bavyumvagurtyo.

  • imana imwakire mukwami bwiwe kubant mwese mwamuknd ndabasab musenger uw muhis murakoze

  • Ko mutashizemwo abahutu yagandaguye kuva imyaka abandi arangaza, ukamengo ni imibu bikiza canke insazi. Ngira ngo ubu agiye kubonana nabo hanyuma bamwibutse ko nawe yari umuntu nkabo, ko atawupfyina n’Imana.

  • ntakundi harihageze
    nikovyarivyanditswe
    imana imufashekuvyo
    yakoze

  • IMANA IMWAKIR .RIP .MUFAT AKARORER KUVYO YAKOZ KUGIR MWUBAK IGIHUGU CACU. UMUKAMA ABAZIGAM MUMURYANG WIWE.

  • Bon débarras !!! Barayamaze ngo urucira muka so, rugatwara nyoko.

  • Imana imwakire,u Burundi buzosubira kuronka umukuru w’igihugu nkawe butevye,abamuvuga nabi ni bagende babaze uko i dollar rya america ryavunja ku gihe ciwe baheze bagereranye nuko rivunja uyu musi kuwugize amahirwe yo kurironka niho bazomenya ico yamariye igihugu c’u Burundi. RIP

  • Arakabona Ahwereye Uwo Mugesera Nobona Numuvyimba Wiwe Nowukubita Uraz Ayo Yadukoreye Akatwicira Abavyeyi Bacu Ngo Nuko Ari Umututsi!Noneho Imizimu Yabahutu Iramukoreyeko.Noneho Sha Ntiyapfuye Nukutwumviriza.

  • MUVYUKURI ATAGUKEKA YARI INTWARI.ABAMUZI TURAMUZI.NTAKUNDI NIKO BIGENDA.NDAMWIPFURIJE KO IMANA YOMWAKIRA MUBWAMIBWAYO.

  • Imana Imwakire Nayo Impfuvyi Ibashe Kuzirinda Kukwariyo Iganza Ntawankwa Nabose

  • sindi buvuge ngo Imana imwakire ntazi ivyo yakoze.ndahojeje umuryango wiwe.twibuke kwitunganya hakiri kare. Imana Izohezagira Ivyo Twakoze Tukiri Bazima

  • Pourquoi RIP ??? Il ne le merite pas du tout! Abahutu yiciye ababo mwiyumvira ko bo umutima uri hamwe? Ntimugakine ku mivyimba y’inzirakarengane yagandaguye.

  • je kugiti canje namukundira kumabarabara yo mugihugu cose ariko kubijanye nubwicanyi yakoze nimba tigaye kazi yake,kuko numu Jenocideur Dipromacie .Nukuvuga mukirundi;umunyabwenge mwihonyabwoko !yabikora kwa jee!

  • UWO MUTAMA TUMUSABIYE IKIBANZA CIZA MW’IJURU

  • umuryango niwigumye ntakundi twese niyotuja.

  • Ibibi Yakoze Komutabivuga. Amacakubiri Yamuranje.

  • None yasize abana bangahe ?bangana gute?

  • Ntakumdi Twese Niyoturora!

  • Natwe Tukiri Ngaha Kurugendo Twitunganye Kugira Tuze Turonke Iherezo Ryiza Kuko Atawuzi Umunsi Nisaha Imana Imwakire Mubwami Bwayo

  • Natwe Tukiri Ngaha Kurugendo Twitunganye Kugira Tuze Turonke Iherezo Ryiza Kuko Atawuzi Umunsi Nisaha Imana Imwakire Mubwami Bwayo

  • Ndabaye Gose Uwo,mutama Apfuye! Ntakundi Imana Nimwakire.

  • IVYOYAKOZENIVYIZA IYABA BOSEBOBANKAWE VYOVYIZA-,?UMURYANGOWIWE NIWIHANGANE!

  • IVYOYAKOZENIVYIZA IYABA BOSEBOBANKAWE VYOVYIZA-,?UMURYANGOWIWE NIWIHANGANE!

  • Ndamwifurij kudugan na Yezu mwijur ejo ah bukera

  • Satani imwakire mubwami bwayo uwo mu genocidaire wamaze abahutu. Gusa ntacyo araba aganira na Bikomagu mumuriro udushira.

  • IYABA ABANTU BAZI KOBAZOPHA NTIBOFACHE ABANDINABI ,MUGUSHAKA KUBICISHA BABABESHEYE ARIKO IBINTUVYOSE KWIYISI NIMANA

  • IYABA ABANTU BAZI KOBAZOPHA NTIBOFACHE ABANDINABI ,MUGUSHAKA KUBICISHA BABABESHEYE ARIKO IBINTUVYOSE KWIYISI NIMANA

  • RIP Bagaza
    haribukwa aho yakuye uburundi naho yabugejeje its OK
    Peter tuzomwibukira kuki?
    mu myaka 10 amaze atwara uburundi yakoze iki?

  • Imana yamuciriye urubanza uwo munywamaraso ngo ni Bagaza. Umurambo we wagombye gushyingurwa mububirigi ntugere i Burundi kubahumanya.

  • IMANA IMUHEZAGIRE TURABUZE KWERI YARI UMUGABO YARI AFITIYE UBURUNDI IMIGAMBI

  • niyigire amahoro.aho ari hose yakunda uburundi twizere ko azokwama abusengera eka anabusigisha amavuta meza maze indyano ziri i burundi ntizize zihasubire

  • Turahojeje umuryango wa ryakwigendera Colonel Jean Baptiste Bagaza, noneho sibo babuze bonye nabarundi twese tubuze. kuko tubuze icabwege yi junja nijambo, beshi tumwi bukira kubikorwa ya ranguye muburundi, beshi bamaze kubidondagura, ndibuka ninawe ya kuyeho ikori, ryatuma ryangaza abanyagihugu, bagahungira mubindi bihugu kubwikori ryariho icogihe,abatuhuze nabo birirwa bariruka kumisozi babonye porisi ije gutoza iryokori kubwo kutaronka amahera yokuriha.Beshi barakuweko ubugererwa, abari baragererewe barasaturiwe amatongo nabashebuja babo, kubwitegeko ryari rivumerewe nuwo mushingantahe yi giriye, tutibagiye amacakubiri yari ya ratse indaro muburundi,ni we mu perezida ya je yiyamiriza amacakubiri muburundi, nibindinindi tutoshobora kudondagura. Imana imwakire, natwe tucongewe imisi yo kuba turarindiye itariki yacu yogutaha, tuzobandanya dusigurira ibibondo vyacu nabuzukuru bacu,iragi ryo ya dusigiye,nubwitonzi bwiwe no kubahiriza agateka kumwenegihugu, murakoze.

  • Nitwa Avec, uwanditse ayiyita Avec avugako umuhisi Bagaza arumu jenusideri sijewe, ariko jewe ivyonanditse muzagusanga birimwo amajambo avugako abahutu bakorewe genucide bayikorewe nabatutsi atariko mwababatutsi tubana wosanga ababifisemwo uruhare arumwe nikimanyu kobavyumvisha amatwi. Murumvarero jewe nabonye ko atarumwanya wokuvuga ibibi yakoze uyumusi nawuhebeye amarira gusa.

  • Turahojeje umuryango wa ryakwigendera Colonel Jean Baptiste Bagaza, noneho sibo babuze bonye nabarundi twese tubuze. kuko tubuze icabwege yi junja nijambo, beshi tumwi bukira kubikorwa ya ranguye muburundi, beshi bamaze kubidondagura, ndibuka ninawe ya kuyeho ikori, ryatuma ryangaza abanyagihugu, bagahungira mubindi bihugu kubwikori ryariho icogihe,abatuhuze nabo birirwa bariruka kumisozi babonye porisi ije gutoza iryokori kubwo kutaronka amahera yokuriha.Beshi barakuweko ubugererwa, abari baragererewe barasaturiwe amatongo nabashebuja babo, kubwitegeko ryari rivumerewe nuwo mushingantahe yi giriye,amabarabara, amakoperative, niwe mutegetsi yarongoye ngaha mubundi atamaraso yabenigihugu ariko araseseka, tutibagiye amacakubiri yari ya ratse indaro mu Burundi,ni we mu perezida ya je yiyamiriza amacakubiri muburundi, nibindinindi tutoshobora kudondagura. Imana imwakire, natwe tucongewe imisi yo kuba turarindiye itariki yacu yogutaha, tuzobandanya dusigurira ibibondo vyacu nabuzukuru bacu,iragi ryo ya dusigiye,nubwitonzi bwiwe no kubahiriza agateka kumwenegihugu.

  • BON DEBARRAS, nibajane rero kuzika muri poubelle canke bate mu kinogo ca W.C. kurya yagira abahutu amaze kugandagura quoi ! Narindire ntaraheza kuvyishura, yabica yiyumvira ngo wewe akoze mu vyuma ntazopfa.

  • NTAKUNDI ISANGOYIWEYARIGEZE IVYOYAKOZENIVYINSHINAHOBITASHIMISHABOSE IMANA IMWAKIREMUBWAMIBWAYO

  • ARACARUWAMBERE.NKURUZIZA.IBIKOGWAAKOZEMUMYAKACUMI NIVYISHICANEABARUNDIBASHIMAWAFVUY.NTAHOVYITANIWENABANDI ARAKUNDABANYAGIHUGUAKABUBAKIRAAKARERIFVUVYINABARFAKAZI.YAJEHAGEZE.YARADUKUYEKOAGACINYIZO.KIMBWAZABATURSI

  • Umwami w’abatutsi yopfuye!!!! Uwo murambo wagombye kujugunywa ukaribwa n’imbwa kuko yagandaguye abahutu benshi..

  • Abo bantu bonse amaberebere yamacakubiri uwobabaza umuntu Bagaza yoba yarishe bomuvuga. Bagaza yaciye ubugererwa, abarundi abagira bene murundi, abategeka gukora uburundi butera imbere cane. Muzorabe ukuntu bwasubiye inyuma avuye kubutegetsi, nabarundi bonyene barasubiye inyuma kandi kugihe ciwe bari smart.

  • @Falcon. Nibyo uwo muginga bamutwike. Amaraso yanyweye najye kubana na Satani mumuriro utozima.

  • Jewe ico nifuza gushikiriza Umbwambere ni uguhoza umuryango wa nyakubahwa President jean-baptiste Bagaza.Icakabiri nijambo nshaka gushikiriza Aba kristu Cahtolika boooseee,bari barababajwe nuko yigeze kugara,Amasengero,nanje vyarivyarambambaje nkabandi beshi.Ugutabaruka kwiwe kurampaye icirwa cane binyeretse ko ivyiyunviro vy’Imana,ataho bihuriye nivyatwebwe abantu.Uno munsi Imana iratweretse akarorero keza ko idaharura igicumuro kumuntu nkuko beshi tuvyibaza.Raba namwe twebwe aba Kristu iduhaye akarorero kigitangaro gifadika,nimuze tubizirikanire hamwe,twibaza duti.Niguki imana yamuhamagaye muri ibibihe vya Pasika 04-05-2016;Yesu yaramwakuye ati ejo 05-05-2016,nzo duga mwijuru kwa Data kandi nawe akaba ariso wawe,ati rero itegure tuze tudugane aho bukera kuko unomwaka sinzongera kugusiga.Hama tuvuye mumisa yumunsi mukuru wa,Ascenssion á 13;00 15;00 haca haba célemonie d’adieux au Président BAGAZA,Clinique Européenne.Ikindi cantangaje 06-05-2016,abemera Imana booose tuzoca dutagura nevenai izomara 10 jours yokwitegurira umuzo wa MUTIMA-MWERANDA,tuzohimbaza le 15-05-2016,kandi BAGAZA tuzoba tukirikumwe,aho aruhukiye ;umunsi wokurangiza nevenais zacu hazoba ari 04-05-2016;kuri uyomunsi niho ababisboye bazosubira gusezera Président Bagaza iryanyuma kuko 15-05-2015,ariho indege izomurerura imujana i Burundi,donc hazoba,ari kumunsi mukuru wa Pentecôte.Bagenzi dusangiye ukwemera jewe ivyobintu nabifashe nkigitangaro kuko Imana yatweretse ko Bagaza yamuhanaguyeko igicumuro co kugara AMASEGERO,kandi yadusavye ashimitse ko tuzomara iyiminsi yo kwitegurira umuzo wa Mutima Mweranda turikumwe na Président Bagaza.Murakoze kumpa akanya ko guserura icifuzo canje.ndi umukristu yariyarababajwe niyugarwa ryamasengero none Imana mushobora vyose yanyeretse ko ariyo yonyene itanga imbabazi nikigogwe.Imana ininahaswe mumyaka yose;Kandi yakire umusavyi wayo Jean Batiste Bagaza!!!!!!!!!!!!

  • jew nifpuzakumenya imyakayarafis

  • Mumigambi yaranguye, mwalibagiye kwariwe yakuyeho ikori akongera akazana amabarabara yamakaburimbo.

  • NUKUR’iMANAIMWAKIREMUBWAMIBWAYO.TUZOKWAMATUMWIBUKAKUVYOYADUKOREYE.

  • Sivyiza guta akarimi mutuka abantu. Mbega ubwo bujuju bwamoko buzobaheramwo ryari? RIP Bagaza , RIP Nshimirimana, ....

  • BAGAZA Jean-Baptiste, natabaruke yarwanye urugamba nk’Umugabo w’ijunja n’ijambo, yakora ukwasa, ubwiza n’igihagararo, yarabereye ijisho uburanga bwiwe bwashimwa n’abamuhanz’amaso. Inzobe izira inzika, ubwenge n’ubweranda. Imana yamutatse Ibirezi. Iyo yafata ijambo abamwumva bagira bati Hora uravuga!!
    Natabarukane Iteka n’Itekane. Natwutanga icadafise, Imana yari yamuhaye Ingabirano zo Kuraba kure, akaramiriza ntacamuhagarika iyo afashe umugambi yarawushitsa. Yarafise igitinyiro nk’Intwari nyene, nuwashaka kumuvuguruza (Nibake bavyubahuka) yagira ati : Kura Urwangara ngaho!!.

    Nashaka mbarire gatoya abo bavuga ivy’amasengero yugawe : Mbe vyavuye kuki? Bagaza ntiyari Umuntu apfa kugira ibintu atampamvu: Impamvu nibuka ni zibiri : Abasacerdoti baba missionnaires bafashwe bahemuka ku banyeshuli banshinzwe mu ntara ya Muyinga. Murazi ko mu Kirundi Umwana arasonerwa bavunga ngo Umwana n’Umwami. Ikintu gihungabanya Umwana sico kwihanganirwa. Les pedophiles. murabona no ngaha i Bulayi vyananiranye: en France (Lyon, Bordeau) En amérique eka partout. Bagaza rero aho avyumviye yarabanje abwira abasenyeri entre autre Mgr RUHUNA, bari bazinanyi nk’abagenzi mbere, ya silence yo muri église cath., murayizi, barihoza. Bagaza ati non seulement tuzobasubiza i wabo ariko babanje guca MUMPIMA:

    Icakabili : Hari ishirahamwe bita SAHWANYA, bagashinga imisalaba ku Misozi. Amaherezo bagiye gutahura ko bavanga amasaka n’amasakaramentu. Bagaza ati stop! Bitanguye kurenga inkombe. Il a tapé fort, aca yikora mukwaha y’ikiza icaha cabo banyamahanga batazanwa na kamwe. Ngivyo ivyo nzi kandi n’ukuri guhamye. Bagaza ntiyahana atabanje kwihaniza, yari umugabo w’abagabo. Turasavye Imana ngo Imwakire Muvyegera Vyayo vyo hafi, kandi Idutabaze iyindi Ntwari nka Jean-Baptiste BAGAZA. Ruhukira mu MAHORO Y’UMWAMI IMANA. Amen!

  • Urakoze mushingantahe/ Mupfasoni, utashimye kwandika izina ryawe, kucifuzo cawe Imana iguhezagire, kuruwo musi natwe twifuje kubana nawe, urakoze.

  • imana imwakirewdwdntiyaknze nka saruhararwankomokomo rwatumariye abant ng ninkurunzizanyagufumuka inda.

  • IMANA.IMUHARIRE.ITAMUHARURIYE.MAZE.IMWAKIREMUBIGANZAVYAYO.AMEN

  • NIYUMVIRA KO TWOZA TURAMWIBUKA KUKO YAKOZE IBITARI BIKE VYOTUMA TUMWIBUKA.NKAMABARABARA NIGIKOGWA KITOROSHE YAKOZE.MUBONA NUBU KIKITUGORA.

  • IMANA IMWAKIRE YAKOZE IBITANGAZA YATEZE IMBERE IGIHUGU NDABABAYE CANE NUKUMWIBUKA KUGEZA KUMUHERO WISI

  • Imana yari yaramushoboje gukorera Igihugu murukundo ata buryarya!! kandi ikindi Imana yari yaramuhaye ubwenge bwo gukorera Igihugu na Banyagihugu hari Amahoro adasanzwe warashobora gufata urugendo mwijoro ataco wicura na maguru aho waja hose. canke imodoka yagupfana aho ugeze warayiryamamwo bugaca hari Imihana hamfi Abanyagihugu bakaza bakagusanga mukiterera inkuru atawarya wangura!!! Ikindi tutokwibagira niwe yakuye Ubugeregwa mu Burundi. Iruhukire amahoro!!! Umuntu akurikigwa nibikogwa yakoze nukuri wari Intwari ubu niho tugeze kubona ico wari waramariye Igihugu na Banyagihugu ahari amahoro nu muhoro uramwa!!!

  • Erega suko yaramaze igihe yaravuye ku ntwaro ko twoca twibagira abahutu yagandaguye, ngo tubandanye twivugira ivy’amabarabara akiboneka hose, oya, abo yishe turacabafise nabo muri memoire, uwutobibuka yoba ari umusazi kandi ntiturashikira iyo stade y’ibisazi ou de perte de mémoire. Agira chance ko apfuye neza, mugabo abo yagandaguye ntibapfuye mu mahoro vyukuri. Ni naco gituma ata womwipfuriza kuruhuka mu mahoro, kandi no gupfa ari imboregwa chronique atakimenya uko yiriwe nuko yaraye, naco n’igihano Imana yamuhaye kitamworoheye. Birababaje kandi ko agiye adasavye ikongwe ku bo yamariye ababo, ntaco ariko, Dieu s’occupera de son cas. Amabarabara ni kw’Isi mugabo imitima y’abagandagugwa ni k’Umukama, vyumvikana qu’il n’y va pas pour reposer en toute paix ou en toute sérénité , wapi, agiye gusamba ivyo atahereje kw’Isi kandi ni vyinshi. None umuntu akubariye ati ndakwubakire ibarabara canke ndakwice, wofati iki muri ivyo bibiri? Rero nta mwicanyi yigeze aba umweranda kw’Isi no mw’Ijuru kandi n’ayo mabarabara bavuga yubatse ntabwo ari ku mufuko wiwe, ni amahera ya Leta yakoresha. Oya kabisa, grade y’ubwicanyi umuntu arayipfana, vous ne pouvez pas me convaincre du contraire. Ntimumbarire rero ngo amabarabara yubatse niyo yoca yibagiza abahutu yagandaguye, vyoba ari akamaramaza mu Burundi. Bon debarras!

  • Ewe buyoya waragize nabi gutanguza umugambi wogusubiza inyuma igihugu, nabagukurikiye baragukurikije. Urakwiye gusaba ikigongwe abarundi

  • ahah!ntakundi vyomera abarundi twihangane cane!

  • NIYIGIRE NTAKUNDI NATWE TUZOMUSANGA

  • Imananimwakiremubwamibwayo Yarakuyekubarundi Ikorinikimoko Nahoyahenzwengoyirukaneaba Patiri Berayarakozebiboneka Ekabose Abintwarobomukurako Akarorero Kuvyoyakozevyiza

  • IMANA IMWAKIRE IWAYO YADUKOREYE VYISHI NAJEWE NZOBIKURAHO ISOMO MURAKOZE.

  • mubisanzwe iconovuga kuri bagaza 1 iterambere mugihugu nkamabarabara ibigazi nibiti 2 nintworoyiwe ngontiyarimbi karekare urecekimwengoyahanjwe ngoyugaramasengero murakozei

  • Naruhuke , ivyiza yakoze n abishimirwe , ibindi navyo azobazwa n uwamuremye we atarenganya .

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.