IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jean Claude Sindayigaya yirukanywe mu bagirizwa igitero cakozwe kwa Kayumba (...)

Jean Claude Sindayigaya yirukanywe mu bagirizwa igitero cakozwe kwa Kayumba Nyamwasa

samedi 8 Ntwarante 2014

Igihugu ca Afrika y’epfo carirukanye ku munsi w’ejo kuwa gatanu, bamwe mu bakora mu buserukizi b’ibihugu vy’Urwanda n’Uburundi muri ico gihugu. Abo birukanywe bagizwe n’abanyarwanda n’umurundi umwe, bose bakaba bagirizwa kuba bafise uruhara mu biheruka kubera ku rugo rwa Général Faustin Kayumba Nyamwasa, aho yaterwa muhira iwe n’abitwaje ibirwanisho Imana irakinga ntaco yaba.

Imigenderanire ya Afrika y’epfo n’Urwanda ntiyari yifashe neza, bikaba vyagiye kwunyurwa n’iterwa, ku genekerezo rya 7 Ntwarante, ry’urugo rwa Général Faustin Kayumba Nyamwasa, yahoze ari intwazangabo yo mu gihugu c’Urwanda, ubu akaba ari mu buhungiro kuva mu mwaka w’2010. Ubutegetsi bwa Pretoria bwaciye bufata ingingo ku munsi w’ejo kuwa gatanu, yo kwirukana bamwe mu bakora mu buserukizi bw’Urwanda muri Afrika y’epfo. Bagirizwa kuba bafise uruhara kuri ico gitero cakozwe muhira kwa Général Faustin Kayumba Nyamwasa. Muri abo birukanywe, harimwo umurundi Jean-Claude Sindayigaya, umuhanuzi mu buserukizi bw’Uburundi muri Afrika y’epfo. Jean-Claude Sindayigaya, yahoze ari mu bategetsi b’urwego rw’igendereza ry’Uburundi yagirizwa ko yoba yagurishije imodoka yiwe kuri bagenzi we b’abanyarwanda, iyo modoka bikavugwa ko yoba ariyo yarakoreshejwe mu kuja gutera ku rugo rwa Général Faustin Kayumba Nyamwasa.

Ntiturashobora kumenya namba ivyo uwo murundi yirukanywe muri Afrika y’epfo, Jean Claude Sindayigaye, yagirizwa vyoba arivyo, canke namba iyo modoka yoba yayigurishije abizi ko izokoreshwa mu gitero cakorewe ku rugo rwa Général Faustin Kayumba Nyamwasa. Ku ruhande rw’Urwanda, ubutegetsi bwa Kigali bwaciye nabwo bwirukana abakora mu busekuzi bwa Afrika y’epfo mu Rwanda. Ayo makuru y’abo bahora bakora mu buserukizi bwa Afrika y’epfo mu Rwanda birukanywe yemejwe na Louise Mushikiwabo, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umushikiranganji Louise Mushikiwabo yamenyesheje ati : "Twirukanye abakora mu buserukizi bwa Afrika y’epfo mu Rwanda batandatu, mu kwishura, kandi kubera ko Afrika y’epfo yahaye ubuhungiro abagirizwa ibitero vy’iterabwoba mu Rwanda."


Egide Nduwimana

Messages

  • None uwo murundi nivyo bari bamutumye? Ngira yahora yibaza ko adakorwako. Ni ikijuju pe. Mbega yabaye igikoresho c’ikindi gihugu? Niyicare maze niyaheza ubwo bufaranga aeoheza abone ko inda ndende ihumira indya.

  • uwumugabo jean claude batazira cuma yarasanzw anajejw iperereza ryumugambw cndd fdd aha muri africa yepfo aho yari yaje uwitwa Ngendanganya J bosco batazira Kiganya yagirizwa ubwicanyi bwaba Palipehutu fnl dossier Muyinga Ruvubu,binavugwa ko yoba yarafise nama liste yabataribake batavuga rumw na leta yuburundi ashigikiwe na ambassade yuburundi aha muri afrika yepfo. turatey ivyatsi ingendo igayitse umugambwe urikubutegetsi wihaye wogukingira abantu bamakosa nkayingurube nka kiganya,cuma binavugwa ko yoba yatungitswe aha muri afrioa yepfo kubwamakosa yagirizwa mukubanyegeza muma ambassade atandukanye nacane aha muri africa yepfo

  • nkabarundj turaha muri afrika yepfo twagimba guterivyatsi Leta yUburundi kuba ikingira ikibaba abantu bagirizwa ama dossiers yamanyanga ateyubwoba, amadossiers yubwicanyi,gushurashuza utwana dutoduto kunguvu,kunyonora bikabije nibindi mukubarungika muri ambassade ya africa yepfo. Nakamaramaza kubona kubona ambassade yuburundi aha muri africa yepfo itegura umusi mukuru wogushimira inkozi yikibi nka jean claude batazira cuma mugihe yirukanwe azize gusesa gushaka gusesa amaraso yikiremwa muntu nka General kayumba. Uyumusi uburundi buragaragaje ko intumbero yabwo arukwica no guhonya abatavuga rumwe nayo bafadikanije nurwanda! ikibabaje muri vyose nuko uwo jean claude yirukanwe aja murayomanyanga yose kandi yahoze arupatiri!!!

  • wapi siwe ni cnd-fdd nkumuntunkuwo ukamurungika guserukirigihugu atibanga,niyomigambi yabo uburundi mukazoterimbere basumirinda bagitwara ndakurahiye.

  • Ntakintangaje na kimwe pe kuri Sindayigaya.Nibaza ko yakoze ivyo reta yamutumye kuko bari bamurungitse kubandanya umugambi yari yaratanguye akora muri documentation.La preuve nuko mwumva ko bamuteguguriye umunsi mukuru nkuwo bateguriye Rwembe.Ariko Uburundiwburaja hehe nimba abicanyi ninkozi zibibi arizo zisasiwe indava!

  • None ntimubona yuko ibivurwa kubutegitse bwa cndd fdd none ubuho rwarugabo ngonumuvugizi wigihugu ruravugiki?ubaravyagiriza abobatavugarumwe??biraboneka neza ivyobavuga ntakuntu mwozakwica abarihanze yigihugu nikuvuga yuko abarimugihugu baba barahonye ngoyagurishije imodoko?ntayoyagurishije ahubwo nizankinamico yayigurisha agombagendehe?kobaribamutumye kwica.

  • Imisi y’igisuma iraharuye. uwo jena Claude Sindayigya yarzciye mw’sieminari nkuru y’i Bujumbura, yamye aza aragira inkinamico uko, baramwirukana, none aratevye aramenyekana. Tu ne peux pas tromper un peuple étenrnellement!!!

  • Jean- Claude yiyita Cuma . Yashitse ino kuri Africa Yepfo afata inzu yaribigwa na Leta ayishiramwo akabare. Maze atanvura gutera abarundi ubwoba ababwira Ngo niwe yafazhe Rajabu eka Ngo yishe ABA FNL benshi cane, Ngo uwutazoja muri DD Ngo azomwica. Eka gushika naho atangura kwinjira mu mashirahamwe agize communaute za barundi aziteranya ariko tumubwira ATI uritonde kuko Africa Yepfo Su Burundi. None arirukanywe. Ahubwo Nkurunziza niba afise ubwenge nace amuta mu mvuto. Kuko arambitse iceyi uburundi. Ikindi naco niba uburundi bwabuze ABA diplomats nibapfume bugara AMA Ambassade amwamwe hako baza bararungika ABA voyoux n’aba timbayi.

  • Jean- Claude yiyita Cuma . Yashitse ino kuri Africa Yepfo afata inzu yaribigwa na Leta ayishiramwo akabare. Maze atanvura gutera abarundi ubwoba ababwira Ngo niwe yafazhe Rajabu eka Ngo yishe ABA FNL benshi cane, Ngo uwutazoja muri DD Ngo azomwica. Eka gushika naho atangura kwinjira mu mashirahamwe agize communaute za barundi aziteranya ariko tumubwira ATI uritonde kuko Africa Yepfo Su Burundi. None arirukanywe. Ahubwo Nkurunziza niba afise ubwenge nace amuta mu mvuto. Kuko arambitse iceyi uburundi. Ikindi naco niba uburundi bwabuze ABA diplomats nibapfume bugara AMA Ambassade amwamwe hako baza bararungika ABA voyoux n’aba timbayi.

  • Ako kabwa gacudikanya ninkozi zamabi zurwanda nibagace amavya gahere mumpimba ,ndashavuye caaaane agarutse SA nukukigisha isomo

  • u Burundi nibwihagarareho bushake umudiplomat bwirukana. kariya ni agasuzunguro pe. none se kuki batabanje kubaza Leta yamutumyeniba hari icyo izi kuri iyo modoka?

  • Uyo claude bita cuma ntagitangaje kuko birazwiko ari nawe yahohoteye Alphonse Mariya Kadege igihe bamuremeka inkono ishushe ngo yateguye coup d’Etat. birazwi nezako atakindi yakora muri Africa y,epfo atari amabi.mumenyeko n,isoko rya bujumbura ryahiye atera kuko ico gitondo nyene ari mu bantu bahashitse vuba vuba kugira agire nkuko ataco abiziko nawe ari mubabikoze.ntankenka ko no mu bishe Karegeya arimwo kand iyo modoka ntitwibazako yagurishijwe, ahubwo africa y,epfo yarikwiye kumukurikirana uko ishoboye kuko ubwo bwicanyi nibwo bamutumye nta vya diplomatie ashoboye. ntiyera namba haba muri ivyo vya Kayumba,Karegeya n,abandi benshi batazwi kuko wewe nyene ariyemererako aba FNL benshi ariwe yabishe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.