Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jeff Bezos yaguze ikinyamakuru The Washington Post - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Jeff Bezos yaguze ikinyamakuru The Washington Post

Jeff Bezos yaguze ikinyamakuru The Washington Post

mardi 6 Myandagaro 2013

Jeff Bezos, uwatanguje urubuga ngurukanabumenyi Amazon yaguze ikinyamakuru The Washington Post amahera imiriyoni 250 y’amadorari. Amazon imenyesha ko atriyo yaguze ico kinyamakuru ariko ko ari Jeff Bezos yakiguze kugiti ciwe.

Ku myaka 49, Jeff Bezos agiye kuba umuyobozi w’ikinyamakuru The Washington Post. Aho n’inyuma yaho ahejeje kugura ico kinyamakuru amahera y’amadorare agera 250. Ico kinyamakuru kikaba ari kimwe mu vya mbere bikomeye kw’isi. Ico kinyamakuru akiguze ku giti wiwe bwite. Ivyo bikaba vyemezwa n’ico kinyamakuru nyene. Benshi bari bahaye bavuga ko ari Amazon iguze The Washington Post kuko Jeff Bezos yarasanzwe ariwe yatanguje urubuga ngurukanabumenyi Amazon. Urubuga rukomeye cane kw’isi muvyerekeye urudandaza ruciye ku buhinga ngurukanabumenyi.

JPEG - 28 ko
Jeff Bezos

Donald Graham ava mu muryango watwaye The Washington Post kuva imyaka myinshi akaba ari nawe yarakirongoye ico kinyamakuru avuga ati: “Ku bumenyi mu buhinga bwa none no muvyerekeye urudandazwa Jeff Bezos afise, ntankeka ko Post ironse umuyobozi mwiza”. Jeff Bezos arahumuriza abantu bibazako ko The Washington Post izohindura uko yakora. Agira ati: “The Post izogumana akarangamutima abasomyi bayo bayimenyereyeko. Kandi kazoza kiki kinyamakuru ni keza”.

Ikinyamakuru The Washington Post catanguye gukora mu 1877. Ico kinyamakuru kikaba cabaye ica mbere muri Leta Zunzubumwe z’Amerika catanguye gusohoka ku munsi ku munsi aho hari mu 1880. Ico kinyamakuru kikaba caranashize ahabona ibinyegezwa vyataziriwe Watergate. Iyo nkuru ikaba yanatumye umukuru w’igihugu c’ico gihe, Richard Nixon, atanga imihoho mu 1974.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.