Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
John Kerry:Ingingo yo kwitoza iteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > John Kerry:Ingingo yo kwitoza iteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro

John Kerry:Ingingo yo kwitoza iteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro

mardi 5 Rusama 2015

Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire amenyesha ko atewe umwitwaririko n’ingingo yafashwe na Petero Nkurunziza yo kwitoza kurongora Uburundi mu kiringo kigira gatatu.

Mu kiganiro yahaye Iradiyo y’abongereza BBC ,John Kerry yavuze ko ingingo yo kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku kiringo ca gatatu iteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ikaba yatumye haduka indyane.

John Kerry yavuze ko ibibazo vy’abanyagihugu b’abarundi kubera iyo ngingo vyari bikwiye kwumvirizwa bigatorerwa umuti.

Kubwa John Kerry,ngo afatiye kuvyo yategereye,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bwiteguye kuza mu Burundi kubonana na Petero Nkurunziza mu ntumbero yo kumwereka akamaro ko kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Ico kiganiro yagitanze ku munsi ugira indwi w’imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.


Van Naris

Messages

  • abanyamerica nibarabe ibyiwabo natwe africa bayiturekere,dore aho badutobeye,igihe kirageze ngo twikukire koko!!!

  • Merci Mwoba Mudufashije.Ngira Ubarundi Tworonka Agahengwe.

  • Muratubeshera ntabwirizwashingiro ryacu twigeze tunyuranya naryo gusandemeza komwobamuriko murazira kutamenya ariko imiryango iruguruye kugiratubereke kwatanahamwe twakoze ibinturanye nibwirizwanshingiro ryu Burundi. Ariko birababaje kubona muhendwa mugasidukana niyonka ariko mumyaka yaheze harigeze kuba iyicwa ryabarundi bubwoko runaka nimuvuge kugeranunomusi ariko kuruyumusi nuwubahenze muca mubifata nkukuri mutaranabanza gushishoza mutarevyeneza kuvyuburundi birabamaramaza kandi mukuze.

  • nyabune ntaho utaniye na wawundi wavuze ko obama atazi aho uburundi buba mbe ko mbona nibarabara rya pave ari amakungu aritwubakira na amahera y amatora ntayo tugira turinda gusaba nkaho wowe uvuga iki

  • Nareke guteranya,mugutera intege izonkozi z’ikibi

  • Uwo Mugabo Natunganye Ivyabo Barya Birabure Babiciriki? Ngo Hari Demokarasi Aende Kure.

  • Uwo Mugabo Natunganye Ivyabo Barya Birabure Babiciriki? Ngo Hari Demokarasi Aende Kure.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.