IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > José Chameleone yazaniye vyinshi abakunzi biwe b’Abarundi

José Chameleone yazaniye vyinshi abakunzi biwe b’Abarundi

samedi 30 Myandagaro 2014

Umuririmvyi mpuzamakungu José Chameleone ashima kubona yaratowe mu bandi baririmvyi bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, kuremesha ibirori vya nyuma vy’igihiganwa rya Primusic. Avuga ko azanye bishahsa vyinshi narirya yaheruka mu Burundi kera.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, José Chameleone atangura ashima itorwa rwiwe mu bandi baririmvyi bo mu karere. Ikintu gihambaye aje kwerekana mu rubanza ahamagariwe ryo kurangiza ihiganwa rya Primusic, kuri uwu wa gatandatu, amenyesha ko azanye vyinshi biza guhimbara abakunzi biwe b’Abarundi basanzwe ari benshi. Yabajijwe ico ashobora kumarira abaririmvyi b’Abarundi nk’umuririmvyi abimenyereye, yishura ko azobigira nk’uko yabigize igihe yaheruka mu Burundi, aho yaca agenda ajanye na Fariouz (umuririmvyi avuga ko asanzwe yubaha) iwabo mu Buganda. José Chameleone abona ko kugira ishirahamwe nka Brarudi ari ikintu gikomeye ku baririmvyi b’Abarundi, kuko rigerageza kubateza imbere mu kubakura mu rufuri, rikabashira ahabona. Yongera akavuga ko iyo Ubuganda bwobaye bufise ikintu gihuza abaririmvyi nka Primusic, yonezerwa abonye ahuriye ku ruhimbi n’Abarundi.
N’abajejwe gutegura ihiganwa rya Primusic babajijwe igituma bahisemwo Dr José Chameleone mu bandi baririmvyi, inyishu ni uko uwo muririmvyi akundwa cane mu Burundi no mu karere.

Mwomenya ko uretse José Chameleone ari ku rutonde rw’abaririmvyi baza kuryosha igiteramo c’agakura ca Primusic kiba kuri uwu wa gatandatu, abandi baririmvyi ni Fariouz, Patient Matabaro, Sat-b basanzwe ari abaserukizi b’ihiganwa. Iruhande yabo hari T-Max ari nawe azokwugurura ibirori, Mkombozi, Yoya, Steven Sogo, Peace&Love. Ibirori bitangura igihe c’isaha zitandatu n’inusu mu bigo vya ETS Kamenge.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • MURAKOZE KUMWIYUMVIRA JOSE CHAMELEONE,VRAIMENT KUKO NICO KIBANZA MWAMUHAYE NIGOTO CANE ARAKIRENGEYE CANE.MWAMUGIRA UWAMBERE KW’ISI NZIMA;NDAVYE ARIRIMBA NEZA CANE,KUKO INDIRIMBO ZIWE ZIRAHANURA NI ZIREMESHA KANDI NIWE AFISE INDIRIMBO NYINSHI MURAKOZE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.