Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
JRR : Inyuma y’iminsi 14 bunguruje buca barenguka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > JRR : Inyuma y’iminsi 14 bunguruje buca barenguka

JRR : Inyuma y’iminsi 14 bunguruje buca barenguka

jeudi 22 Rusama 2014

Imisore ibiri isanzwe ipfunzwe yagirizwa ko yoba ariyo yateye igisasu ntezwaminwe ku rugo rwa Gaston Sindimwo umwe mu badasigana ba UPRONA ishami rya Concilie Nibigira, buca barenguka muri sentare isubiramwo imanza mu gisagara ca Buumbura.

Lionel Ninteretse umukuru wa JRR muri komine ya Kanyosha na Fabrice Shurweryimana basanzwe bari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bakaba bazorenguka kuri uyu wa 23 Rusama uyu mwaka muri sentare isubiramwo imanza, inyuma yaho bungururije badashimye ukugumizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba ku mvo zo kubandanya amatohoza na chambre de conseil yabaye ku wa 23 Ndamukiza uyu mwaka.

Tukabibutsako kuri uyo wa 23 Ndamukiza nyene, abo basanzwe bapfunzwe bagirizwa kuba aribo boba bateye urugo rwa Gaston Sindimwo bari barengutse muri chambre de conseil bari kumwe na Gaston Sindimwo icegera c’umuyobozi mw’ishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ariko bikagaragara ko atacaha cabagira nk’uko vyashikirijwe n’umwe mubababuranira, kuko na Gaston Sindimwo ubwiwe atabimenyetso bigaragara yatanze ko abo ba JRR yababonye ku rugo iwe muri iryo joro aterwa.

Umushingwamanza King Hermes Kezimana umwe mu baburanira abo ba JRR

Mwomenya ko kuva abo ba JRR b’umugambwe UPRONA bagifatwa hagiye haribonekeza amanyanga menshi, haba abantu boba bararungikwa na Gaston Sindimwo ubwiwe kubagiriza, ariko bahashitse bagasanga ntibazi abo baje kwagiriza, yaba aboba bararungitswe na Gaston Sindimwo nyene gufata amasanamu Fabrice Shurweryimana aho bari bafungiwe mu biro vy’igiporisi kijejwe amatohoza, n’izindi nsiguro zatanzwe na Felix Niyonkuru ku bijanye n’ico gitero cagizwe ku rugo rwa Gaston Sindimwo, aho ico gitero coba cari kigamije gupfunga bamwe mu bigeze kuramutswa amabanga akomakomeye bamuka mu mugambwe UPRONA na bamwe mu bashingamateka.

Yaba mu mugambwe UPRONA ishami rya Karori Nditije canke mu baburanira abo ba JRR, bakaba bizeye ko Lionel Ninteretse na Fabrice Shurweryimana buca bambikwa izera, maze bagashobora kubandanya ibikorwa vyabo, kuko kuza n’ubu atakibagira kiboneka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.