Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Justin Bieber yafashwe ari kumwe na bamwe badandaza umubiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Justin Bieber yafashwe ari kumwe na bamwe badandaza umubiri

Justin Bieber yafashwe ari kumwe na bamwe badandaza umubiri

lundi 4 Munyonyo 2013

Aho yari mu gihugu ca Bresil, mu giteramo citwa « Believe Tour » Justin Bieber yafashwe asohotse inzu badandarizamwo imibiri.

Uwo muririmvyi aturuka mu gihugu ca Canada, asigaye yama avugwa mu binyamakuru kubera ibintu akora, ubu naho asubiriye gufatwa ariko asohoka inzu badandarizamwo imibiri. Ikinyamakuru people du New York Post, cemeza ko Justin yamaze ikiringo c’amasaha 3h 30’ muri Centaurus, iyo ni nzu izwi cane iri mu gisagara c’i Rio de janeiro, aho yahasohotse yifutse ishuka, aherekejwe n’aba mugendanira, abo nabo baciye bagerageza gusuka inzoga ku baraho kugira babirukane, ntiboronke ico bavuga kuri ivyo vyariko biraba.

Ntivyahereye aho, uwo musore w’imyaka 19, yaciye abandaniriza ahitwa Copacabana Palace Hotel, aharekejwe n’abakobwa badandaza imibiri 2. Mwomenya ko n’umuvugizi wiwe yabuze n’ico abivugako. Ibi rero bibaye mu gihe ata minsi yari haciye, ikinyamakuru Cronicas gitangaje ko Bieber yoba yaratanze amahera angana 500 y’ama dollari kugira agirane imibonano mpuzabitsina n’umukobwa bahuriye mu butambiro.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.