Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Justin Timberlake n’ubushimwe bw’iteka muri MTV Video Music Award (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Justin Timberlake n’ubushimwe bw’iteka muri MTV Video Music Award (...)

Justin Timberlake n’ubushimwe bw’iteka muri MTV Video Music Award 2013

mardi 27 Myandagaro 2013

Ibirori vyogutanga ubushimwe bw’ihiganwa rya MTV Video Music Award 2013 vyaranzwe ahanini n’umuziki uryogoye wa Justin Timberlake hamwe n’umurwi wiwe wa kera “N Sync” ku w’Imana uheze. Justin akaba ariwe yaronkejwe ubushimwe bw’iteka bw’iryo higanwa ry’uyu mwaka.

JPEG - 9.6 ko
Justin Timberlake atengatiye ubushimwe yaronse

Justin Timberlake niwe yatahukanye agashimwe gahabwa uwakoze amasanamu meza y’indirimbo. Indirimbo yitiriwe umwaka ikaba yabaye iyitwa “Mirros” ya Justin Timberlake. Justin yaranaronse agashimwe kiteka ridasanzwe kitiriwe umuririmvyi rurangiranwa Michael Jackson kitwa Michael Jackson Video Vanguard Award . Ako gashimwe kakaba gahabwa umuririmvyi bagomwe ibikorwa vyose amaze kurangura mu kazi kiwe k’umuziki.

JPEG - 43.5 ko
Justin Timberlake kumwe n’umurwi wiwe "N Sync"

Itangwa ry’ubushimwe mw’ihiganwa rya MTV Video Music Awards 2013 ryabereye i Brooklyn(New York) kuri uwu w’Imana uheze. Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyaremeshejwe n’umuziki w’abaririmvyi nka Justin Timberlake, Lady Gaga na Kanye West. Ariko Justin Timberlake niwe yahawe umwanya munini wo kuririmba muri ivyo birori. Yahawe iminota 15. Iyo ikaba yarimaze guhabwa Michael Jackson gusa kugera ubu. Timberlake akaba yaboneyeho gusubirana n’umurwi wiwe wa kera “N Sync”.

JPEG - 105.1 ko
Justin Timberlake ariko ashikiriza akajambo ku dushimwe yaraheje kuronka

Muri ivyo birori, Justin Timberlake akaba yararirimvye indirimbo zitari nke za Michael Jackson, umwami w’umudiho wa Pop. Justin ahawe agashimwe kitiriwe Michael Jackson yagize ati: “Aka gashimwe sinari ndagakwiye ariko nsindagasubiza ko bakampaye”.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.