Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kabezi : Umubano wa CNDD FDD na FNL ntiwifashe neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kabezi : Umubano wa CNDD FDD na FNL ntiwifashe neza

Kabezi : Umubano wa CNDD FDD na FNL ntiwifashe neza

lundi 11 Myandagaro 2014

Abajenama batatu ba komine Kabezi intara ya Bujumbura bakomoka mu mugambwe FNL birukanwe mu mugambwe. Indongozi z’umugambwe FNL zibagiriza ko bishikanye muri CNDD FDD, biciye ku bashingamateka batowe muri iyo ntara boba bariko bashaka gusambura FNL, nabo bakavuga ko bahowe ko bashira ahabona ibitagenda neza mw’itunganwa rya komine Kabezi.

André Ndikumana, Moise Kazoviyo na Georgette Nahishakiye abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana, bahora bari mu nama mpanuzwajambo ya komine Kabezi, intara ya Bujumbura, birukanwe muri uwo mugambwe. Abo birukanwe bahawe ikete ribirukana mu mugambwe FNL igihe bari bitavye inama y’abagize inama mpanuzwajambo ya komine Kabezi kuri uwu wa gatanu. Bose uko ari batatu bamenyesha ko bahowe ko bashira ahabona ibitagenda neza mw’itunganwa ry’ibikorwa vya komine Kabezi, bakavuga ko batigeze babagabisha, imbere y’ugufata iyo ngingo y’ukubirukana mu mugambwe.

Jacques Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, yamenyesheje ko abo birukanywe bahowe ko batakiri mu mugambwe FNL, kuko bari batacitaba inama z’uwo mugambwe, n’interera zabo bakaba batari bakizitanga. Kuvyo bavuga ko batagabishijwe imbere y’ukwirukanwa, Jacques Bigirimana yishura ko bahanuwe akatari gake, ariko bica amatwi. Kuri ukwo kwirukanwa kw’abo banywanyi ba FNL muri komine Kabezi, Jacques Bigirimana abona ko intango ya vyose ari abashingamateka batowe muri CNDD FDD mu ntara ya Bujumbura, boba bariko bashaka gusambura umugambwe FNL muri iyo ntara. Kubwa Jacques Bigirimana, ivyo bikaba biva ku bwoba ko CNDD FDD yohava itaronka amajwi muri iyo ntara mu matora yo mu mwaka w’2015, abo bashingamateka bagahava batakaza ibibanza barimwo mu nama nshingamateka. Nk’uko bivugwa na Jacques Bigirimana, abashingamateka ba CNDD FDD bavuka muri iyo ntara bafise ubwoba bw’ibizova mu matora, kuko umugambwe FNL ariwo watsinze muri iyo ntara mu mwaka w’2010.

JPEG - 56.6 ko
Jacques Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL

Mu bashingamateka bavugwa mu bikorwa vyo gusambura umugambwe FNL mu ntara ya Bujumbura, Félicien NDUWUBURUNDI arongoye umurwi w’abashingamateka ba CNDD FDD aza kw’isonga, hakavugwa n’abandi bategetsi bakomeye bo mu buzi bwa Reta, bavuka mu ntara ya Bujumbura, bakaba bagirizwa ko bemerera ubuzi aba FNL mu gihe bokwinjira muri CNDD FDD. Jacques Bigirimana asaba abashingamateka batowe mu ntara ya Bujumbura ko boshira ubwoba, kuko n’aho bizoshika bagatakaza ibibanza mu nama nshingamateka bazokora akandi kazi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ewe sha Bigiri,nawe aho rero uraronse ivyo ugiramwo publicite mukwerekana ko utavuga rumwe na cndd-fdd!?Mbe iyo FNL uriko uvuga y’abo bajenama bawe binjira muri cndd-fdd itandukaniye hehe n’iyo cndd-fdd ubwayo?Reka guta umwanya uza uravuga ibintu bitabaho kuko wiyibagijeko abarundi bazi ikintu cera ko kiba cera icirabura ko kiba cirabura.Mbe abo ba fnl bawe ntibari mubagiye munama y’aba Consiliya!Canke birya wagize muri komine Mugina witeruza ngo biboneke ko uhafise abagushigikiye wibaza ko abarundi batabona?Ivyarivyo vyose nasanze utazi Cibitoke particulierement Mugina,ni palipehutu original!Ubwo rero abaho bari inyuma yihinduka-kwikura mu buja apana inyuma yukwiyuzuriza sehuzana canke amabondocanke mpemayuzuye.Ivyo wama ubizirikana na ntaryo.

  • Ewe bigirimana wibagira vuba, uzi yuko aba DD arabana uriko urakinisha.
    We dusanzwe tukuzi neza yuko uri ishami rya DD naho uza urahuma amaso abantu ngo wafuse abanywanyi ba fnl b umugambwe kubera bashaka kwinjira muri DD.
    Turabizi neza ahubwo reka kuza urimaramaza mbona na Uprona yahavuye ifunguka amaso.

  • uyo miburo rero,acire birarura,iyo mitwe yitekesha,twarayimenye,Imugina hoho,ntazonahagaruke kk inkumbi yamavyi ntituyibonye rimwe,ibihemu vyamye bidukweegera akarambaraye vyitwaje intwaro mbi nkizihari,non’ubu turamwnyesha ko Mugina yose ahiva ikagera irinyuma ya FNL orginal apana cndd fdd ishami rya Miburo,bitiriye FNL.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.