IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kamenge : Isanurwa ry’isoko ririko rikwega akajagari

Kamenge : Isanurwa ry’isoko ririko rikwega akajagari

lundi 29 Mukakaro 2013

Ku va aho abadandariza mw’isoko ya Kamenge batanguriye gusanura inzu bahora badandarizamwo, bamwe mu bahora badandariza hagati mw’isoko baciye baja mu mabarabara yo hagati mw’isoko abandi baja ku nkengera z’ibarabara ry’ikaburimbo rya Kamenge.

Abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IGIHE bashoboye kwishikira muri iyo soko, basanga abikorwa vy’ukwubaka birabandanya. Muri iyo soko, abantu ni benshi cane ku buryo n’amabarabara yose yinjira mw’isoko hagati yuzuye ibidandazwa, ayandi nayo ugasanga abandandaza ariyo bicayemwo. Abandariza muri iyo soko ntibahakana ko harimwo kurenga amategeko, ariko bakamenyesha ko ubwinshi muri iyo soko bw’abantu n’ibidandazwa, bwatanguye kuva aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye igatokombera, ivyo vyatumye abahora bayidandarizamwo benshi baciye baja kurondera ibibanza muri iyo soko ya Kamenge, nk’uko hari n’abagiye mu zindi. Ikindi, n’uko utuyira twotuma vyabiduga bikinga impanuka bishobora kwinjira gutabara twose twuzuye abadandaza, ivyo bikaba vyotuma iyo soko idashobora gutabarwa vyoroshe.

Iyo soko ya Kamenge isumiramwo abanyagihugu bo mu makomine atari make y’igisagara ca Bujumbura, ikaba yegereye uruzi rwa Nyabagere. Iruhande y’urwo ruzi, hari abandi badandaza b’ibintu bitandukanye. Hagati y’uruzi n’ibarabara, abasumyi baba bariko baracanacanako. Abo twayaze muri iyo soko, basaba ko abarongoye isoko ya Kamenge ko aribo bakwiye gufata ingingo bakirukana abantu bose bahadandariza bidaciye mu mategeko mu ntumbero yo gukinga impanuka.

Twagerageje kurondera umukuru w’iyo soko, ntitwamuronse kuko ngo yoba yari mu bindi bikorwa, ariko abasumira muri iyo soko n’abayidandarizamwo, bavuga ko batazi igihe ivyo bikorwa bizorangirira, ariko bagasaba ko vyonyaruka mu ntumbero yo gukura akajagari karangwa muri iryo soko. Babandanya bavuga ko abasuma ubu baca bikika mu kiza, ku bw’ikirenga c’abantu baba bakoraniye mu kibanza kimwe, haba mu basumyi canke mu badandaza.


Aristide Nizigire & Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.