IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kaminuza y’Uburundi:inkuru nziza ku bamenyeshamakuru

Kaminuza y’Uburundi:inkuru nziza ku bamenyeshamakuru

lundi 18 Ntwarante 2013

Igisata cigisha abamenyeshamakuru muri kaminuza y’u Burundi kikaba gishigikiwe n’igihugu c’u Bubiligi caraye congewe imyaka itanu.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’uwuronguye ishure kaminuza y’u Burundi Gaston Hakiza, ku musi wa gatanu igenekerezo rya 15 Ntwarante aho hariko haratangwa impapuro z’umutsindo ku murwi ugira kabiri w’abaherutse kunonosora ivyigwa bijanye no kumenyesha amakuru bita Master en journalisme.

Gaston Hakiza yamenyesheje ko izo nyigisho zo gukarihiriza ubwenge abamenyeshamakuru zashizweho mu ntumbero yo gukuraho utunenge dukunze kwibonekeza igihe bariko bararangura umwuga wabo, na cane cane ko uwo mwuga ari ngirakamaro mu bihugu bivuye mu ntambara.

Ivyo birori vyari vyatewe iteka n’abanyecubahiro batandukanye, harimwo uwujejwe inyigisho muri kaminuza y’abakatolika iri i Buruseri mu Bubiligi, uwuserukira ico gihugu hano mu Burundi, akaba ari naco gifashe mu mugongo izo nyigisho.

Izo nyigisho ku bamenyeshamakuru zatanguye mu mwaka w’2010, ubu zigeze ku murwi ugira kane. Uwa mbere n’uwa kabiri iramaze, kuronka impapuro z’umutsindo, uwa gatatu uriko uraheraheza bimwe bita mémoire, hamwe n’umurwi ugira kane wa kino kiringo uriko uriga. Ivyo vyigwa bibera mu kigo Chaire Unesco kiri muri komine ya Gihosha..


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.