Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kanye West arabangamiye abafata amafoto - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Kanye West arabangamiye abafata amafoto

Kanye West arabangamiye abafata amafoto

dimanche 21 Mukakaro 2013

Impande y’igihugu c’abafata amafoto bariko bakora akazi kabo bongera babaza ibibazo, Kanye West yafashwe n’agashavu aca yubira umwe murabo bafata amafoto agerageza kumwaka igikoresho ciwe ku ngumvu amanyinyura.

Kanye West

Uwo muririmvyi aririmba umudiho wa rap yeteze umwana kumwe n’umugore wiwe Kim Kardashian asigaye asigaye abangamiye abafata amafoto. Kuwa 19 Mukakaro aho Kanye West yarashitse ku kibuga c’indege c’i Los Angeles, abafata amafoto isinzi bari bamwiteze. Uwo muririmvyi yaranse ko bamubaza ibibazo. Aho naho urukurikirane rwiwe rwa nyuma « Yeezus » rugiriye amasigise kandi ruvurwako vyinshi. Ariko, umwe muri abo bafata amafoto yarakomeje amubaza ibibazo naho yari yanse kwishura. Aho rero niho West yaca afatwa n’agashavu aca atangura kumunyinyura kugira amwake igikoresho co gufata amasanamu yariko arakoresha. Nkuko abaraho bavyigana, bikavurwa kandi n’uruba ngurukanabumenyi rw’ikinyamakuru TMZ, Kanye West yaramunyinyuye n’inguvu nyinshi gushikaho abantu baza gutabara ndetse n’abaganga baza gutabara uwo afata amafoto kuko yababaye.

JPEG - 47 ko
Kanye West

Igitangaje nuko imbere yuko ivyo biba ata n’akanya kari kahaciye Kanye West abwiye uwo afata amafoto ati : « Ndabizi ko ushaka ngukoreko hama uje kunyitwarira uronke inshumbusho y’amadorari 250 000 » . Kandi ivyo bikaba atari irya mbere bishitse aho Kanye West akubita uwufata amafoto. Ikindi mwomenya nuko, uwo afata amafoto yahatswe kwibonerako atari irya mbere ahura nivyago nkivyo. Mu 2007, yari yakubiswe umutaka n’muririmvyikazi w’umunyamerika Britney Spears.


Luc-Noël INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.