Accueil > Amakuru > u Burundi > Kanyosha : Amabarabara ageze aho umwansi ashaka
Kanyosha : Amabarabara ageze aho umwansi ashaka
mardi 17 Ntwarante 2015
Amabarabara yo mri komine ya Kanyosha ageze aho umwansi ashaka, ivyo bigatuma n’imiduga yunguruza abantu ija muri iyo komine igonanwa.
Ibarabara riva mu kinanira ca Musaga rigaca ku kiraro c’uruzi Kanyosha hamwe n’ayandi mabarabara atandukanye, ageze aho umwansi ashaka. Ibinogo binini mu mabarabara hagati, hamwe n’amazi ahatega mu gihe c’imvura bikaba biraje ishinga abanyagihugu, aho bavuga ko bashobora n’ukwandura indwara zitandukanye nka malariya n’izindi, kubera ibiziba bitega muri ivyo binogo.
Ayo mabarabara mabi rero, akaba atuma bafise imiduga batinya kuyacamwo, abagendesha imiduga nayo yunguruza abantu, bagahitamwo kuja gukorera mu zindi karitiye z’igisagara ca Bujumbura. Umwe mu badereva asanzwe agendesha umuduga wunguruza abantu, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE.bi ko atoshobora gukorera muri komine ya Kanyosha, kubera hari amabarabara mabi, akavuga ko akorera ku Musaga gusa. Yatubwiye ko imiduga ikorera muri komine Kanyosha ipfa ningoga kubera ayo mabarabara mabi.
Abanyagihugu bo muri iyo komine ya Kanyosha, bagasaba ko nabone bokorerwa amabarabara nk’uko vyabaye mu yandi maratiye, ndetse bakizera ko amatora yotangura, ibikorwa vyo gukora ayo mabarabara navyo vyatanguye.
Aristide Nizigire
Messages
17 Ntwarante 2015, 16:23, par jean
Twebwe tuhaba ntitukivuga, ubwanwa bwarafutse umunwa!!
17 Ntwarante 2015, 17:56, par Nuwera
Abantu muherereye kwayomabarabara mukabamukuze kandimugifise utuguvu mushobora kubamwarasamaye canke mwaragize urwangara rwokwitwararika ayomabarabara, abakuze kugiruruhara mukwononekara mukwononekara kwayo mabarabara nuwowese atakwiyarara igishishwa cumuhwi, igitiritori cikigori, ibisigazwa vyibikaju, amashashe mwasumishije, ibishishwa vyibitoke nivyibigori, ibikaritokarito, nibindi. Ivyovyose imvura iguye iravyegeraniriza ahantuhamwe mumufurege wagenewe amazi mazebimaze kubavyishi bikabana muriwanufurege noneho vyabiziba bigacavyironderera iyindinzira iyoyibdinzirarero niyomubina ngahimwibarabara ryinburutse ikindigihe ivyobizuba bizodushavurira vyinjire nomumazuyacu kutubaza icatumye dukomezaguta ibintukwiyarara bigatuma duhungabana? Murumvako mukwiye kuzamurabwirana canke muhimorizanya kwitwararika kudata ibintu kumbuga ikindi nukuza muratora umusi umwe mundwi mukareba kokumayarara atamyanda ihari nomumifirege yagenewe gucamwo ibiziba, ivyobonogobirekamwo amazinavyo mukamamwazanye ivu/ urucekeri mubizibanganya mubonye bibarengeye mukabwira ababaringoye bakabatabariza nkuko uyumwanditsi yabikize kuko ibibibintu ukobibonekana birarengeye abenegihugu babamwiyimicungararo, arikigihe bazokorera iribarabara muzocenwitwararika kwubahiriza ivyonavabwiyevyose muzocamubona itandukaniro ryiguhe mutaribwavyubahirize.
17 Ntwarante 2015, 18:30, par Chanel kwizera
Non reta ibivuga kwik?
17 Ntwarante 2015, 19:51, par mugabonihera abudala
mwiriwe ndababajwe Niko a anti bisamburiraho nki mpene ibarabara iyorihari nabantu baribaho ikindi Niki Niko bari bungabunga iyo bataribungabunze murashaka leta ikore iki nuwobaha kaburimbo mwozica uwutunga ahera kuribike
20 Ntwarante 2015, 23:55, par buhinja freddy
Komine kanyosha harico yononeye leta?nibarabe bayigarukireko.ahandi......