IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kanyosha : Basaba kugirirwa nk’abandi

Kanyosha : Basaba kugirirwa nk’abandi

mercredi 4 Ruhuhuma 2015

Abanyagihugu baba muri komine ya Kanyosha basaba ko bosasirwa hasi amabuye mu mabarabara, nk’uko ico gikorwa kimaze kurangurwa mu yandindi makomine atari make y’igisagara ca Bujumbura.

Ivyo abo banyagihugu bakabishikiriza mu gihe kenshi imiduga isanzwe yunguruza abantu ijayo vyanke bikunde, ugasanga mbere kenshi abanyagihugu badashikanywe aho bategerezwa gushika, kubera ayo mabarabara mabi. Ariko rero naho biri uko, abanyagihugu baba muri quartier za Gisyo na Musama, bakaba bashima ko ibikorwa vyo kubacira amabarabara vyakozwe, mugabo bagasaba nabone ko hoba akarusho, hagasaswa amabuye hasi. Basaba Reta y’Uburundi ko nabone bohabwa amabarabara ya kijambere, kuko bamenyesha ko mu gihe c’imvura kibabera ikibazo kuko ivyondo bihakwa kubasanga mu mazu.

Abo banyagihugu bakavuga ko naho bosabwa kugira ico baterereye kugira baronke amabarabara meza nk ‘abandi bogerageza, naho hari ubukene mu miryango itandukanye mu gihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Jewe ndashigikiye ibisano vyabobenegihug bomuri Kanyosho. Aharero ndafise iciyumbiro nshaka guterera reta nacokikabariki gikurikira: Muntumbero yogutezimbere ama Commune yose agize igihugu cacu cu Burundi reta ntiyogira umugambi wogufashanya nabanyagihugu bomuma Komine igabakikisha Ko buri komine ironkejwe ibarabara ryakijambere nubwo ritobakaburimbo ariko buri komine ikabifisemwo nimiburiburi ibarabara rimwe rishanjemwo amabuye, vyokorwagute vyokorwa nkakurya twubaka amashure yabana bacu bigamwo abanyagihugu bagakora ibikorwa bashoboye hanyuma reta nabagiraneza bagatanga ivyabenegihugu batokwironkera. Kukobirababaza iyowumvango hariho Commune imaze imyaka irenga mirongo 30 yiswe Komine ariko ukaba atanahamwe mwiyokomine woshoborakwereka ingenzi akabarabara keza kandivyo amakomine birimwo niyomeshi mu Burundi. Ndabizi ntakwo ama reta atagiyagira mukuzabararungika rimwdnarimwe kwimba nugushira kariyeri mwemwe muma arabara yomurayo makomine ariko birya tumazekubona bitwara amafranga atarimake kandi inyuma yumwaka ugazigara ubonamengo ntacamonzwe jewe rerombonako nkaryamafranga uwocayashira mukigega cogutanguza uwomugambi wogusasa amabuye mwayomabarabara kobamarusho gakomeye kandi nabenegihugu babamwayo makomine bobonako batewe nigitero citerambere kubera ikintucobagikozwe arigishasha mwizokomine.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.