IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kanyosha : Isoko yugarijwe n’abasuma

Kanyosha : Isoko yugarijwe n’abasuma

mercredi 8 Nzero 2014

Abadandariza mw’isoko yo mu Kanyosha bamenyesha ko kubona isoko yabo itagira uruzitiro, biri mu bibatuma batakaza ibintu bitari bike, mu gihe abadandaza bamenyesha ko abasuma babarembeje mu kubiba ibindandazwa bikitse inyuma y’aho bakorera hatagira uruzitiro.

Iyo soko yo mu Kanyosha nk’uko bivugwa n’abadandaza, baridoga ko ikibanza gihagararamwo imiduga ari gito, bigatuma hadutse umuriro, vyogorana ko imiduga yabo bayihungisha. Ariko rero naho abadandariza muri iyo soko bidoga ko abasuma babarembeje, iyo soko ya Kanyosha ifise abanyezamu bashika kuri 20 bagakora ijoro n’umurango. Ariko abo banyezamu bikavugwa ko badakwiye, uravye ukwo iyo soko ingana. Abo banyezamu, bakaba batabara iyo hadutse ubusuma bukabije, n’aho abiba kuko ataruzitiro bakaba batababona.

Leonard Minani ajejwe ibikorwa mu masoko yo mu gisagara ca Bujumbura akaba avuga ko ivyo muri iyo soko yo mu Kanyosha babizi, ndetse bakaba muri uyu mwaka w’2014 bazoshobora kubikosora, kuko uburyo bwo gusanura ayo masoko bwategekanijwe. Eka n’abarongoye abandi muri iyo soko bavuga ko ingorane ziriho muri iyo soko ya Kanyosha.

Gad Minani arongoye komite y’abadandariza aho mw’isoko ya Kanyosha, asaba ko abakozi bokwongerezwa kugira bashobore kuraba imfuruka zose z’iyo soko, mu ntumbero yo kurwanya abasuma, eka ndetse akaba asaba ko isoko bakoreramwo yohabwa uruzitiro, kugira ubusuma buhari bugabanuke. Ikibazo c’iyo soko rero kikaba kizwi n’inzego nka zose, ndetse bakaba bizeye ko ico kibazo kigiye kuzotorerwa umuti, nk’uko Gad Minani arongo arongoye abadandariza muri iyo soko abandanya abimenyesha.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.