Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kanyosha : Lionel Ninteretse arongoye JRR yafashwe co kimwe n’abandi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kanyosha : Lionel Ninteretse arongoye JRR yafashwe co kimwe n’abandi (...)

Kanyosha : Lionel Ninteretse arongoye JRR yafashwe co kimwe n’abandi banyagihugu

mardi 25 Ntwarante 2014

Abaporisi bazindutse bugarije imwe mu mihana yo muri komine ya Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura, aho hari bamwe mu bantu bafashwe, baca bajanwa n’igiporisi. Muri abo bafashwe, harimwo n’umukuru wa JRR muri iyo komine.

Lionel Ninteretse (ari kuri terefone yambaye ishatsi yera irimwo uturongo twirabura)

Lionel Ninteretse arongoye JRR muri komine ya Kanyosha ari mubafashwe co kimwe n’abo bandi muri aka gatondo ko ku wa 25 Ntwarante, bikavugwa ko boba bagira bajanwe muri sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura kugira babazwe. Igitangaza bamwe mu bashoboye kuyaga n’ikinyamakuru IGIHE muri aka gatondo, bakavuga ko batumva ukwo umuntu afatwa, akajanwa kubarizwa muri sentare atagiriwe dosiye, ndetse atajanywe n’imbere y’inyamiramabi kugira imwumvirize.

Ariko rero bamwe mubari mu nzego nkuru za UPRONA twashoboye kuvugana, bakamenyesha ko ifatwa ry’umukuru wa JRR muri komine Kanyosha, rishobora kuba rifitaniye isano n’irindi ronderwa ry’umu JRR Thierry Bigirindavyi, aho kuri uyu wa gatanu uheze igenekerezo rya 21 Ntwarante, urugo rwiwe rwazindutse rwugarijwe n’abaporisi, ariko bikavugwa ko yoba atari ku muhana iwe, bakikeka ko bariko bafatwa ku bijanye n’iterwa amagerenade rya Gaston Sindimwo.

UmushingamatekaGloriose Ntawe

Tukabamenyesha ko n’umushingamateka Gloriose Ntawe wo mu mugambwe UPRONA, nawe nyene aherutse kubazwa ico yoba azi kuri ivyo vyashikiye uwo munywanyi Gaston sindimwo wa Consiriya Nibigira, aho yatewe amagerenade abiri, kuwa 16 Ntwarante uwu mwaka turimwo, ku muhana iwe mu Nyakabiga ya mbere, kw’ibarabara rya 17.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.