Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Karagira Juvenal : ’’Banyagiriza kugirisha amanama ya UPRONA mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Karagira Juvenal : ’’Banyagiriza kugirisha amanama ya UPRONA mu (...)

Karagira Juvenal : ’’Banyagiriza kugirisha amanama ya UPRONA mu kinyegero"

lundi 22 Nyakanga 2014

Uwutwara umugambwe UPRONA ishami ry’umushingamateka Karori Nditije mu ntara ya Kirundo avuga ko atagihagararana n’umuntu n’umwe, mu gihe avuga ko aho ahagaze hose aja abona abamukurikirana bamwagiriza ko aba ariko agirisha inama.

Muganga Karagira Juvenal akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko bamwikeka ko yoba agirisha amanama mu kinyegero nawe akavuga ko atanama agirisha. Avuga ko bashatse kugira inama bifise inzira vyocamwo. Uwo mudasigana ashigikiye Karori Nditije akavuga ko ari iterabwoba agirwako mu gihe ari nawe asanzwe ari umunyamabanga wa mbere w’uyo mugambwe wa Rwagasore mu ntara ya Kirundo.

JPEG - 43.2 ko
Dr Karagira Juvenal arongoye UPRONA ishami rya Nditije

Ariko rero amakuru dukura aho mu kirundo, akavuga ko Karagira Juvenal yoba azira ingingo yafashwe n’abagize komite nkuru y’uwo mugambwe yo mu mwaka w’2009 ari nayo bavuga ko yemewe n’amategeko, iyo nayo ikaba yirukanye Murekambanze Jean Berchmans, Idephonse Ndagijimana na Hatungimana Jean Claude bagirizwa ko bahemukiye umugambwe UPRONA.

Tukabamenyesha ko muri uyo mugambwe ubu hari komite zibiri zibangabanganywe mu ntara nka zose. Komite imwe ikaba irimwo abashigikiye Conciliya Nibigira, mu gihe iyindi nayo iba irimwo abashigikiye umushingamateka Nditije Karori.

Mu mugambwe UPRONA ishami rya Conciliya Nibigira bakaba biyamiriza iyo ngingo yafashwe n’abo bashigikiye umushingamateka Nditije. Jean Claude Hatungimana avuga ko ari we arongoye UPRONA muri iyo ntara ya Kirundo, akavuga ko abafashe iyo ngingo ataco izoshikako kuko avuga ko batemewe n’amategeko.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.