IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Karenga Ramadhani yanse gusakwa mu ndege aca yankirwa kugira urugendo (...)

Karenga Ramadhani yanse gusakwa mu ndege aca yankirwa kugira urugendo rwiwe

vendredi 31 Gitugutu 2014

Umushingamateka Karenga Ramadhani aturuka mu mugambwe CNDD FDD, yagirizwa kuba yarateye akajagari ku kibuga c’indege ca Bujumbura, igihe yanka gusakwa.

Amakuru dukesha bagenzi bacu ba RPA ijwi ry’abanyagihugu, avuga ko umushingamateka Karenga yanse ko bamusaka, aca ashikira kwicara mu ndege Ethiopian airlines, mu gihe yarahiye ararenga ko imizigo yiwe itageza gusakwa. Uwo mushingamateka rero akaba yatumye iyo ndege iteba guhaguruka, kuko n’abandi bari muri yo, babwirijwe bose gusohorwa. Uwo mushingamateka rero, akaba yaciye abuzwa kubandanya urugendo rwiwe.

Mukamenya ko nk’uko aya makuru abandanya abivuga, uwo mushingamateka yatowe mu ntara ya Bururi, yoba yagiye kwicara muri iyo ndege, abanje guhenanguza umwe mu bakenyezi bariko bakorera aho ku kibuga c’indege ca Bujumbura.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.