Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Karori Nditije arabeshuza abavuga ko bari mu myiyamamazo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Karori Nditije arabeshuza abavuga ko bari mu myiyamamazo

Karori Nditije arabeshuza abavuga ko bari mu myiyamamazo

samedi 30 Rusama 2015

Karori Nditije ari mu barongozi b’Urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi,arabeshuza abavuga ko urwo runani ruriko rurakora imyiyamamazo mu gihugu hagati.

Karori Nditije avuga ko igikorwa bariko barakora bacitiranya n’imyiyamamazo kuko ataho gihuriye n’imyiyamamazo,bobo ico bakora basaba abanywanyi babo bakaja mu mihana kwereka abanyagihugu ingene amakarata y’amatora azoba ameze,n’ibimenyetso.

Nditije amenyesha ko mu kwiyamamaza abarongoye imigambwe batanga impapuro bakerekana ko batanguye kwiyamamamaza mu mirwi ijejwe gutegura amatora mu ntara CEPI canke CECI mu makomine.

Avuga ko berekana umwanya babikorerako naho babikorerra,kandi bagashikiriza amajambo.Amenyesha ko abavuga ko bariko bariyamamaza atari vyo kuko yaba Rwasa Agathon canke Karori Nditije atanumwe arashikiriza ijambo ryo kwiyamamaza.

Karori Nditije yamenyesheje ko ivyabaye muri 2010 bidasa n’ibiriko biraba ubu kuko muri ico gihe amatora ya komine yarimwo abantu benshi ariko bayavuyemwo kubera ubusuma bwabaye.

Uwo ari mu ndongozi z’abigenga Amizero y’Abarundi yemeje ko batababujije kwiyamamaza ariko ivyabaye ku banywanyi babo mu Rumonge vyerekana ko badashaka ko baja mu matora.Aha Karori Nditije yavuze ko abari bajanye amakata n’ibimenyetso vyabo bafashwe n’abo mu biro bikuru vy’igendereza barabarihisha amafaranga angina n’umuriyoni.

Karori Nditije asaba abnywanyi b’urunani rw’Abigenga amizero y’Abarundi hamwe n’abakunda Uburundi bose kutaja gutora amakarata y’itora kuko ayo matora ashobora kuzanira akaga Uburundi.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.