IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza: Ikiziga c’umuntu catowe iruhande y’uruzi

Kayanza: Ikiziga c’umuntu catowe iruhande y’uruzi

mardi 15 Nzero 2013

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 13 Nzero haratowe ikiziga c’umuntu w’umugabo yoba afise imyaka nka 3o ku ruzi Kayovu muri komine Kayanza, musitanteri wa komine Kayanza akaba yavuze ko uyo muntu ashobora kuba yari umusuma.

Hari ku mugoroba wo ku musi wa mungu aho abantu babona ico kiziga bavuga ko batazi icamwishe,ariko musitanteri wa komine Kayanza akaba yibaza ko yari umusuma ngo kuko ku mubiri wiwe hari huzuye ko imirabu y’aho yaturiwe n’aho yatemaguwe imipanga.

Ku bwa musitanteri wa komine Kayanza,ngo uyo muntu ashobora kuba yari mu mugwi w’ababandi bivye muri komine Kabarore ku musi wa gatanu.Uyo muntu ntakintu nakimwe kimuranga yari afise kuri we ; ikiziga ciwe kikaba caciye kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro bikuru vyo mu Kayanza.

Mwomenya ko muri iryo joro ryo ku musi w’Imana nyene,hari gerenade yatewe ku rugo rw’umunyagihugu k’umutumba Ngarama wo muri komine Ruyigi, intara ya Ruyigi n’abantu bataramenyekana , umutama w’imyaka irenga 60 akaba yarakomeretse cane.

Amakuru atangwa n’igipolisi na musitanteri akaba avuga ko amatati y’amatongo yoba ariyo ntandaro y’iryo bara.Abantu babiri ngo baramaze gufatwa ku nvo z’amatohoza.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.